Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Murukino rwa kimwe ca kabiri mw’ihiganwa rya Champion League rwariko rurahuza umurwi wa Real Madrid hamwe na Machester City yo mu bwongereza kukibuga ca Etihad Stadium ,umumenyereza wa Real Madrid yongeye guhura nakaga ipantalo imucikirako incuro ya kabiri mugihe yari kukibuga ariko aramenyereza umurwi wiwe.

Murukino rutari rworoshe ndetse rwanaheze imirwi yose atanumwe ashoboye kwinziza igitsindo na kimwe ,umumenyereza wa Real Madrid bwana Zinedine Zidane yongeye guhura nakaga ipantalo imutabukirako mugihe yasimbagurika umurwi wiwe uhushije igitsindo yari yibaza ko camaze gushika mwigori.

Zinedine Zidane yacikiweko n'Ipantalo  mugihe yariko aamenyereza

Zinedine Zidane yacikiweko n’Ipantalo mugihe yariko aamenyereza

Ibi rero akaba ataribwo bwambere bishikiye Zinedine Zidane kuko no kurukino rwahuje umurwi wiwe n’ikipe ya Wolfsburg yo mubudagi mu gice ca kane gishira icanyuma muri champion league  naho ipantalo yari yamucikiyeko.

Gucika kwizi Pantalo rero zuyu mu menyereza biva ahanini no gusimbagurika canke kurwa hasi mugihe umurwi wiwe uba uhushije igitsindo na cane cane iyo umupira wikupise kwumwamba.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply