Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Zinedine Zidane yahoze ari rurangiranwa mumupira w’amaguru kw’iki ndetse no mu murwi w’igihugu ciwe c’ubufaransa hamwe no mu murwi wa Real Madrid yahawe amabanga mashasha yo kuba umumenyereza wambere w’umurwi wa Real Madrid.

Iri genwa rya Zinedine Zidane rije inyuma yigihe gito cane uyu murwi wirukanye uwahoze awumenyereza bwana Carlos Anchelotti yagirizwa kutadahukana igikombe nakimwe mumahiganwa yose,ndetse inyuma yiwe akaba yaciye asubirigwa na Rafael Benitez yaraje avuye mumurwi wa Napoli wo muri Italy ,ariko nawe akaba aciye yirukanwa bidatevye ,inyuma y’amezi 4 gusa amaze muri Real Madrid.Ubu umurwi wa Real Madrid ukaba ugiye kuramutswa uwahoze ari umukinyi wuwo murwi nyene bwana ZINEDINE ZIDANE .

ZInedine Zidane kw'ifoto na Benitez yirukanwe inyuma yamezi ane gusa

ZInedine Zidane kw’ifoto na Benitez yirukanwe inyuma yamezi ane gusa

Benitez akaba yirukanwe mu murwi wa Real Madrid inyuma yo kunganya numurwi wa Valencia kuruyu wa gatatu itariki 3 nzero 2016 .

Uyu mumenyereza yakunzwe kunebagugwa cane n’abakunzi ba Real Madrid kuko kuva agishika muruyu murwi atigeze atsinda narimwe ikipe ikomeye haba muzo mwihiganwa Champion League canke muzo mwihiganwa la Liga yarasanzwe abarizwamwo.

Zinedine Zidane afashe ayo mabanga inyuma yigihe kingana n’imyaka 3 asanzwe amenyereza umurwi  wa Real Madrid Castilla w’abana bakiri bato ndetse ukaba unakukira ikipe yaReal Madrid ukaba usanzwe uri mucicaro ca Kabiri mugihugu ca Espagne.

ZInedine ZIdane akaba yahoze ari numwe mubafasha umumenyereza Jose Mourinho mugihe yamenyereza uwo murwi wa Real Madrid mumyaka 3 iheze.

 


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply