Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umunyamabanga mukuru ajejwe agateka kazina muntu mukanama kajejwe umutekano kw’isi(ONU)umushingantahe Zeid Ra’ad Al Hussein yatangaje ko  hari ibimenyetso vyerekana ko mu Burundi habaye ubwicanyi bushingiye kumoko hamwe n’ububisha bwo gufata kunguvu abakenyezi bikozwe n’abajejwe gukingira umutekano (aba police) .

Mw’itangazo iyi ntumwa ya ONU ijejwe agateka kazina muntu muri ONU yasize ahabona yamenyesheje ko hari ibibanza vyakorewemwo ivyo vyaha mbere anemeza ko bumwe murivyo vyaha vyagiye birakoregwa no mu makambi y’igisirikare.

Zeid Ra’ad Al Hussein yabandanije amenyesha ko itariki 11 kigarama 2015 abantu barenga 100 boba barishwe kandi benshi bakaba batabonye aho bashinguwe.

Zeid Ra’ad Al Hussein yamenyesheje ko mu maperereza bakoze basanze abakenyezi canke abigeme ab

Zeid Ra'ad Al Hussein kw'ifoto

Zeid Ra’ad Al Hussein kw’ifoto

shika 13  barafashwe kunguvu inyuma yitariki 11 kigarama 2015.

Kuruhande rw’ubutegetsi bw’uBurundi akaba ataco barashobora gushikiriza kurivyo vyatangajwe n’intumwa idasanzwe ya ONU.

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply