Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umukuru w’Igihugu c’uburundi Petero Nkurunziza yahinduye bamwe mundongozi  zijejwe umutekano w’igihugu  kurwego rw’igipolisi  mugihe bamwe bakuwe hamwe bajanwa ahandi hari abandi bakuwe mumabanga yabo burundu

Kuruhande rw’igisagara ca Bujumbra ,Ayub Sindayigaya yashinzwe kuba umurongozi w’igipolice mu gisagara ca Bujumbura(Commissaire Provincial Bujumbura).

Kubijanye n’igisata kijejwe amatohoza bwana  Emile MANISHA matricule asanzwe ari na OPC1 niwe yahawe amabanga yo gutwara igipolisi kijejwe amatohoza ,mukirimi c’ikinofunofu akaba ari (Commissaire Général de la police Judiciaire)

Mubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwana ,Melchiade RUCEKE  afise numero imuranga ya OPN 0012 yahawe kuba umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’umutekano.

Mubushikiranganji bwo bw’umutekano w’igihugu bwana Serge NTAKAVURA  yashizwe amabanga yo kuba umwunganizi w’umushikiranganji w’umutekano

Kurundi ruhande hari bamwe bakuwe mumabanga yabo aho twovuga nka CPP Edouard NIBIGIRA, CPP Hélmenegilde NIMENYA .


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply