Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umwongereza Ted Richard aheruka gukora igitangaza ,aho yakoze ibintu vyatangaje abantu batari bake haba kumugabane wa burayi hamwe no kw’isi hose muri rusangi.

Ted Richard w’imyaka 56 yamavuko yakoze igikorwa co kwikatisha amatwi yongera acamwo kubiri n’ururimi rwiwe ndetse anishira n’amahembe atatu k’umutwe avuga ko ashaka gusa n’inyoni ya Gasuku ngo kuko asanzwe akunda izo nyoni cane za Gasuku.

Ted Richard akimara gukora ico gikorwa co kwikatisha amatwi abantu baratangaye cane ndetse banabeshuza amakuru yariko aravuga ko yoba ariko arabikora ashaka gusa n’inyoni ahubwo kwariko arabikora kugira abashe kugira ishusho nkiya satani.

Umwe mubasiguye ivyo uyu mugabo yakoze yagize ati”Muvyukuri Ted Richard jewe ntiyompenda ko ivyo yakoze kwari ugushaka gusa n’inoni ya Gasuku ,ahubwo n’ugushaka kwiha ishusho ya Satan ,yereke isi yose kwasanzwe ari umuyoboke wa satan .None gasuku irafise amahembe nkuko yayisize mugahanga?”

naho yikatishije amatwi kumutwe yuyu mugabo yasizeko amahembe n'igishusho ca gasuku

naho yikatishije amatwi kumutwe yuyu mugabo yasizeko amahembe n’igishusho ca gasuku

Richard yamenyeshe ko ivyo yakoze abikunda cane kandi kwabinezererewe kuko ari ibintu utopfa kubona ahandi .

Mumajambo ya Ted Richard yagize ngo”“I love it. It’s the best thing that has happened to me. I’m so happy, it’s unreal, I can’t stop looking in the mirror.”

Uyu mugabo akaba yabandanije yemeza kwagiye kubandanya yihinduza isura yiwe gushika aho azogirira isura nkiyo ashaka ,ndetse akaba yamenyesheje ko ubukurikira agiye kwikatisha izuru risigare ari igipande.

Ted Richard kw'ifoto

Ted Richard kw’ifoto

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………….

 


Leave a Reply