Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kumyaka 42 yamavuko umugabo wo migihugu ca Zimbabwe yatsindiye ihiganwa ryo kuba umugabo mubi kurushaa abandi mugihugu cose ca Zimbabwe.

Mison Sere w’imyaka 42 yamavuko niwe yatsindiye ihiganwa ry’umugabo mubi kurusha abandi muruyu mwaka wa 2015 mugihugu ca ZImbabwe aca akura kuruwo mwanya wambere mugenziwe Williams Masvinu yaramaze igihe kirekire ariwe aza kuruwo mwanya.

Naho uyu mugabo Mison Sere yatsindiye iki kibanza cambere ,uwo vyahiganwa bwana  Williams Masvinu yahorana uwo mwanya wambere kuva mumwaka wa 2012 yase kwemera ko mugenziwe amurusha kuba mubi kuko yamwagiriza  ko Mison Sere aba mubi mugihe yuguruye umunwa gusa .

Kuruhande rwa Mison Sere wewe yishimiye iki kibanza aronse cane ndetse mumajambo yiwe yagize ati”Nibemere ko ndabarusha kuba mubi kuko arije nasizwe imbere”ati ndizeye ko ngiye koronka amasezerano nimwe mumbonesha kure zo ngaha muri Zimbabwe kugira nzoze nderekana icatumye ndusha abandi .

Kuza rero kumwanya wambere nkumugabo mubi muri Zimbabwe  bikaba vyahesheje  Mison Sere amahera agera kuri $500,ubu akaba azoca aronka amasezerano n’ibigo vy’ubucuruza vyo ngaho muri zimbabwe.

Mison Sere kw’ifoto musi  yishimira intsinzi yiwe

Mison Sere

Williams Masvinu hayorana uwo mwanya kuva muwaka wa 2012 kw’ifoto hasi

1383077181_435e


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply