Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihe ibihugu vy’ubumwe bwa Afrika vyari vyakoranye mu nama igira iya 26 y’abakuru b’ibihugu bagize uwo muryango w’ubumwe bwa Afrika muntumbero yo kwiga ku kibazo c’iterabwoba riba muri Sudan hamwe nirungikwa ry’abasirikare mvamakungu mu Burundi,kubiraba uBurundi aba bakuru bibihugu basa naho batahurije hamwe kungingo yopfundikwa ariko abenshi bakaba bemeje ko  atamusirikare mvamakunguashobora kurungikwa  mu gihugu runaka mugihe ico gihugu kitabishaka.

Nkuko vyibonekeje muriyo nama yariko irabera mugihugu ca Ethiopia ,bamwe mubakuru b’ibihugu bashigikiye ingingo yafashwe na Reta y’uBurundi mu kudashigikira irungikwa ry’izo nteko, aho mukibuka ko Reta y’Uburundi yamaze kumenyesha ko nizarungikwa ku nguvu zizofatwa nk’iziteye Uburundi,ibi vyatumye haba ukutumvikana hagati yaba bakuru bibihugu bari muriyi nama binatuma iyi nama imara umwanya munini cane.

Umwe mubakuru b’ibihugu vyamenyekanye cane ko yiyamirije iki c’iyumviro co kurungika ingabo mpuzamakungu mu Burundi ni Yahya Jammeh ,asanzwe ari umukuru w’igihugu ca Gambia ,uyu mugabo niwe yahagurutse ubwambere mukwiyamiriza iyi ngingo yo kurungika abasirikare mvamakungu mu Burundi.

Yahya Jammeh,  yabwiye abari ngaho muriyo nama  ko igihugu ciwe kiri mu bidashigikiye ko izo nteko zorungikwa mu Burundi.

Yahya Jammeh ygize ati”Igihugu canje ntigishigikiye n’agato ico ciyumviro canyu,ingingo nk’iyo uBurundi butayishigikiye ntishobora gufatwa kuko n’igihugu c’ikukiye

Yahya Jammeh, umukuru w’igihugu ca Gambie akaba ahubwo yibukije uruhara rw’Uburundi mu kugarukana amahoro n’umutekano mu bindi bihugu hamwe n’ukurwanya imirwi y’iterabwoba muri Somaliya n’ahandi.

Yahya Jammeh umukuru w'igihugu ca Gambia

Yahya Jammeh umukuru w’igihugu ca Gambia

Kurundi ruhande hariho bamwe mubari muriyo nama baguma basaba ukwemeza iyo ngingo kuko bemeza ko kuzana aba basirikare mu Burundi coba kimwe mu vyofasha abarundi kumva ko bari mu mutekano.

aha twovuga nka Sipho Mthathi, umuyobozi nshingwabikorwa wa Oxfam igisata ca Afrika y’Epfo, yamenyesheje ko  kutarungika izo ngabo mu Burundi  bizokwerekana  ko abakuru b’ibihugu vya Afrika batababaye abanyagihugu b’Abarundi.

Naho ingingo y’ubumwe bwa Africa itarasohoka ,amakuru abandanya ava ngaho muri Ethiopia yemeza ko izo ngabo zidashobora kuza kubutaka bw’uBurundi mugihe reta y’uBurundi itabahaye uruhusha.


Categories: Muhira

Leave a Reply