Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mu cegeranyo  cakozwe n’ishirahamwe  FIDH(la Fédération Internationale des Droits de l’Homme) riharanira agateka ka zina muntu risanzwe rifise icicaro muri France ,riri kumwe n’shirahamwe Ligue Iteka naryo nyene riharanira agateka kazina muntu mu Burundi baheruka gushira ahabona icegeranyo kigabisha amakungu ko mu Burundi hashobora kwaduka ihonyabwoko mugihe batokwamira hakiri kare

Mu cegeranyo kiri ku mpapuro zishika ama 200 ,ayo mashirahamwe yagiriza reta y’uBurundi kubandanya yica abo bitavuga rumwe ikongera igahohotera ubwoko bwabatutsi ndetse bongera bagira rusansuma y’ubuzi bwa reta bakoresheje amoko.

kubwa Anschaire Nikoyagize umukuru wa Ligue Iteka ,amenyesha ko bafise ibimenyetso bafatirako vya vuba bisigura ayo mabi yose akorerwa abarundi harimwo nko kwikura muri Sentare Mpuzamakungu CPI,kwirukana abarorerezi bagateka kazina muntu mu Burundi,hamwe no kugira rusansuma yabakozi ba reta harabwe amoko.
Anschaire Nikoyagize akaba yanabandanije amenyesha ko ivyo bimenyetso vyose vyerekana ko uBurundi busa nuburiko buragwa mu manga ndetse kumwanya n’umwanya hashobora kwaduka ihonyabwoko.

Naho aya mashirahamwe yasohoye iki cegeranyo gitunga urutoke reta y’uBurundi ,kubw’uwujejwe kumenyesha amakuru mu Bureau vy’umukuru w’igihugu ,Willy Nyamitwe ,asanga  ivyo vyakozwe nayo mashirahamwe yashikirije  bisa n’inkinamico ndetse ko nababikoze ataho bataniye nabasazi.

Umviriza Willy Nyamitwe mu majwi ngaho musi

Fyonda ngaha ubandanye ukurikirana amakuru ya Bishasha.com uciye kuri Facebook


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply