Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Welly Nzitonda umuhungu wa Pierre Claver Mbonimpa asanzwe aharanira agateka kazina muntu mu Burundi  ahejeje kugandagurwa.

Welly Nzitonda vyamenyekanye ko mumasaha yagatondo yafashwe n’aba police aca ajanwa ahantu hatamenyekane .

Inyuma y’igihe gito cane  vyaje gutangazwa ko Welly Nzitonda yagandaguwe .

Nkuko amakuru abandanya abivuga ngo Welly Nzitonda ashobora kuba yagandaguwe n’uwutwara aba police kuri  kuri Poste yo Mucibitoke .

Ivyo bikaba biri muvyemejwe na Pacifique Nininahazwe ndetse na Teddy Mazina ,Raba ifoto hasi

12219479_1503075233325730_7421412989680853266_n

Naho rero vyavuzwe ko Welly Nzitonda yoba yagandaguwe na Chef de poste wo ngaho mu cibitoke umuvugizi w’igipolice bwana Pierre Nkurikiye ntaco arigera amenyesha kurivyo vyagirijwe uwo mukuru w’ikirindiro c’igipolice

Uyu musore Welly Nzitonda akaba abaye uwakabiri mumuryango wa Pierre claver Mponimpa agandaguwe.

Raba hasi ifoto ya nyakwigendera Welly Nzitonda

12036553_889224054496462_2049948014114406805_n


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply