Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Cristiano Ronaldo,umukinyi ngenderwaho wa Real Madrid akongera akaba na kizigenza w’igihugu avukamwo ca Portugal  akaba anafatwa  nk’umwe mubakinyi bumupira w’amaguru kw’isi akomeye muriki gihe ,ariko yagirizwa cane ko ashobora kuba ari umupede (gay)

Nkuko ayo makuru aguma acanacanako mubinyamakuru vyo hirya no hino kw’isi ,aguma yagiriza uyu mukinyi Cristiano Ronaldo ko imigenderanire asanzwe afitanye  na Badr Hari umwe nawe mubihangange muguterana ingumu kw’isi asanzwe akomoka muri Maroc.

Nkuko bibandanya bitangazwa n’ibimenyesha makuru vyo mugihugu ca Espagne, Cristiano Ronaldo asanzwe akinira mw’ikipe yiwe ya Real Madrid babandanya bategwa impungenge n’ubugenzi aba bagabo bose babiri bafitaniye kuko imigenderanire yabo idasanzwe ,ndetse inerekana ko harimwo ikintu hagati yabo uko ari babiri.

Izi nkuru  ntibitera impungenge aba bamenyesha makuru gusa ,kuko nuwusanzwe arongoye ikipe ya Real Madrid bwana Perez aheruka gushikiriza kwatewe impungenge n’ingendo uyu mukinyi wiwe asigaye agira .

Bwana Perez arongoye Real Madrid yagize ati:”Ubu Ronaldo asigaye afise indege yiwe ,asigaye ayikoresha uko ashaka ,ariko dutewe impungenge n’ingene asigaye aheza gukora imyimenyerezo agaca afata urugendo ,hanyuma akagaruka kuruwo musi nyene agashikira mumyimenyerezo kandi ataba yafashe akanya ko kukuruhuka.”

Aha rero Cristiano Ronaldo akaba akoresha iyo ndege yiwe agiye mugihugu ca Marroc aho aba agiye kuraba uwo mugenzi wiwe asanzwe azwi nka Badr Hari .

Ibi bica vyiyongera kumikinire mibi Cristiano Ronaldo amaze imisi  yerekana  mukibuga ,kuko asigaye akina nabi cane ndetse nabamwe mubakunzi ba Real Madrid basa nabatanguye kumwiyamiriza.

Kumyaka rero 30,Cristiano Ronaldo yaramaze igihe c’imyaka igera kuri 5 ari murukundo n’umunyamideri Irina Shayk ariko bakaba baje guhebana inyuma yaho uyu mukobwa aboneye ko Cristiano Ronaldo atamigambi afise yo kuzomugira umugore akamushira munzu.

Kuruhande rwa Cristiano Ronaldo akaba ataragira icavuga kurizi nkuru zimuvugwako ariko akaba amakuru ava mubamwegereye akaba amenyesha ko atakindi bakorana nuyu mugabo wumunyamaroke atari ugushaka gukorana Business kuko bose basanzwe ari abatunzi bakaruhariwe muvyerekeye inkino.

Ifoto Cristiano Ronaldo yafotowe ateruwe n’uyu mugabo akaba ariyo yateje ibibazo bikomeye kuri Cristiano Ronaldo

ro


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply