Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika ,bwana Black Obama amaze igihe anugwanugwako kuba afise bamwe mubamucunga ubuzima badafise umubiri nkuw’abantu basanzwe canke ngo bakore nk’abantu basanzwe,kuko aba bagiriza kuba bacunga Barack Obama   basanzwe bafise ubwenge buhanitse bwo kubona ivyo ikiremwa muntu kidashobora kubona.

Nkuko vyagumye bisohogwa mubinyamakuru vyinshi vyo mugihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika,ivyo binyamakuru vyemeje neza ko  mubasanzwe   bacungera Barack Obama harimwo umuntu afise ububasha budasanzwe burengeye ubw’ikiremwa muntu.

Ibi rero ngo bikaba vyakozwe kugira umutekano wiwe ubashwe gucungwa cane bimwe bikwiye kugira ntihagire n’uwiyumvira guhungabanya canke kugandagura Barack Obama afatwa nk’igitangaza c’umugabo wambereye yatwaye Reta zunze ubumwe za Amerika ari umwirabure kandi kera abirabure  bafatwa nk’ibikoko murico gihugu.

1

Uu muntu niwe vyikekwa kwari muvyo bitwa Alien akaba ari mubasanzwe bacungera ubuzima bwa Barack Obama

Uyu muntu amucunga akaba asanzwe afise ubushobozi bwo kubona ivyo abantu basanzwe batoshobora kubona ndetse akaba ashobora kubona ibintu vyinshi ikiremwa muntu gisanzwe kidashobora kubona.

Iki kiremwa gisanzwe kizwi nka Alien ,Mubisanzwe ijambo  Alien n’ijambo ry’icongereza rikaba risanzwe risigura ikiremwa ariko kitava kurino si twebwe dusanzwe tubako ,Alien kenshi tukaba dukunda kubibona muma film dukunze kuraba muriki gihe aho usanga harimwo ibiremwa biba biva kuyindi si,ndetse usanga binakora ivyo ikiremwa muntu atashobora gukora.

Raba Video musi isigura ivyiki kisizimwe gisanzwe kiri mubacunga ubuzima bwa Barack Obama

Fyonda ngaha ubandanye ukurikira amakuru yacu bitakugoye kuri Facebook yacu


Leave a Reply