Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Murukundo hagati yabantu 2 bakundanye hama haba gucanamwo kuko ivyobapfa nti bibura ,murico gihe rero hari ibintu vyinshi ugenda urahura navyo mubuzima bwa misi yose ,arinayo mpamvu twahisemwo kukubwira  ibintu bikuru bikuru 5 wokwirinda ngo ntuhungabanye urugo rwawe kumpamvu yuwo mwari mwarahebanye, (exes)

1-IRINDE IMIGENDERANIRE NAWE
kuwo muba mwarahebanye nivyiza ko umaze kubaka urugo rwawe wirinda imigenderanire nawe,
akarorero; guhurira ahantu ngo muriko musangira,sivyiza kuko bituma abababona babibonamwo yashusho ya kera bigatuma urugo rwawe batarwizera

2-IRINDE TEREFONE YIWE
nivyiza kwirinda kwitaba ama telefon yiwe canke kwishura message ziwe kuko ni wabimenyera,bizotuma umugabo wawe canke umugore wawe,nawe yishiramwo ko umuvanga gutyo ube uhejeje kurwisamburira

3-BAKURE YIWE
kumuntu mwigeranye muvyo gukundana
ni bibi kumuha umwanya kandi umaze kuba murugo rwawe
kuko iyo mwicaranye mutangura kwibuka ivyakera mumisi mike isanga urukundo rwavyutse gutyo bikagusambuza

4-IYIBAGIZE KAHISE KANYU NAWE
ni kenshi murugo uyo habaye agakosa kanaka ku
ugabo canke kumugore,ahonyene uca utangura kwibuka wawundi.mwahora mugendana nivyo mwagira uko bikaba bije mumutwe mbere ukanamurondera iyo ari hose mpaka umubonye gutyo urugo rukaba rujemwo ibibazo
gerageza rero umufute mumutwe wawe

5-MENYAKO ATABURENGANZIZA UGIFISE KURI WE

umaze kubaka urugo rwawe ntaburenganzira ufise bwo gusubira kuja kugendana nuwo mwahebanye,kuko uba wamaze kuba umugabo canke umugore wuwundi,
ishiremwo ko wahejeje,atampamvu yugusubira kwibuka abo mwagendanye
naho murugo vyogorana gerageza musubirane ubumwe nuwo mwubakanye
bikunze ja kuba kure mukandi karere hamwe utazoza ubona abo.mwagendanye kugira ubanze unakomere murugo rwawe!


Categories: Amakuru, Muhira, Urukundo

Leave a Reply