Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kenshi abantu bakunda kwibaza k’urukundo rutakibaho ndetse haba mu bigeme canke abahungu  kwat’urukundo rukibarangwamwo , ahubwo ko ,umwe wese akunda afise ico agimje canke ico ariko ararondera kuri mugenziwe.

Ariko naho biruko hari muvyukuri abantu bafise urukundo bakunda batagendeye kuco umuntu ari canke icafise canke ingene afatwa mukibano canke uko afatwa n’abagenzi bawe.

Ibi naho kenshi biba bigoye kubona aho biba  vyabaye kw’isi ,hari ibiza bifatwa nk’ibitangaza n’abantu kw’isi bivanye na cane cane iyo abantu bagize ubugeni ari abantu  biboneka neza ko batari murugero rumwe na cane cane muvy’ubushobozi bw’umubiri (mugihe umwe muribo  ari ikimuga ) .

Kenshi na kenshi usanga  igikunda guciribwa urubanza  ari igitsina gore ,kuko iyo umwigeme biboneka kwari mwiza agakurikira  umugabo biboneka kwatakigenda benshi baca bamwagiriza kwatakindi yakurikiye atari amafaranga.

MBEGA UWUKURIKIRA IKIMUGA GISANZWE GISABA MW’IBARABARA WEWE WOMWAGIRIZA IKI?

Reka tuje mu gihugu ca Mozambique aho umwigeme yeretse isi ko urukundo rukibaho ndetse ko uwo ukunda umurutisha vyose ,ukihanganira uko ameze kwose ,ukemera ukamukunda gushika bubakanye imbere yamategeko.

Kumyaka 28 y’amavuko ,Hyacinta umwigeme wo mugihugu ca Mozambique yakoze ubugeni bwatangaje benshi aho yambikanye impeta n’umusore w’ikimuga asanzwe asaba mu mabarabara yo mugisagara ca Mozambique mu gisagara ca Maputo.

Uyu musore azwi nka Felizardo yaramaze imyaka itari mike agira mu gakinga k’ibimuga yongera asaba mu mabarabara yo mugisagara ca Maputo.

 Felizardo kw'ifoto

Felizardo kw’ifoto

Felizardo yamugaye akiri muto cane  ariko yari asanzwe azinanye na Hyacinta kuva kerabakiri mu buto bwabo ndetse kababa bari abakunzi cane bimwe abana bakunda gukina babwirana ko bakundana.

Naho rero Felizardo yagize ubwo bumuga akamugara ntivyatumye Hyacinta amwibagira canke ngwamutererane ngwamute wenyene ahubwo yamugumye hafi gushika naho bakoze ubugeni bwabo bakarushinga imbere yamategeko.

Raba amafoto yaranze ubugeni bwa  Hyacinta na Felizardo mu mafoto

15178116_1291077147602372_882684836347391447_n

Incuti n’aagenzi ba Hyacinta na Felizardo bari baje kubashigikira

15193545_1291077080935712_2069417536515589314_n

Hyacinta na Felizardo bambikanye impeta

15078573_1291077000935720_4217655043019318992_n

Hyacinta ntiyatewe isoni na Felizardo naho asanzwe ari ikimuga c’umubiri

Fyonda ngaha ubandanye uronka amakuru yacu bitakugoye kuri facebook

.


Categories: Amakuru, Muhira, Urukundo

Leave a Reply