Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kumyaka 34 yamavuko Owen Kuchata  ,asanzwe arongoye umugabwe People Front Party utavuga rumwe na n’ubutegetsi bwa Robert Mugabe  muri ZImbabwe ,asanzwe ari no mubanyapolitike  bakomeye cane barwanya umukuru w’igihugu ca Zimbabwe , yaciriwe imyaka 9 y’umunyororo azizwa gushaka kwica umukuru w’igihugu ca Zimbabwe hamwe no guhonya amatungo yiwe akoresheje iBomb .

Kuchata yaciriwe iki gihano arikumwe n’abandi basirikare bo kurwego rwo hejuru bahora bakora mw’iperereza nabo bagirijwe gushaka gukorana nuyu mugabo kugira bazimanganye ubuzima bwa Robert Mugabe hamwe n’amararo yiwe y’inka asanzwe atungiye mu gice ca Mazowe.

2

Uyu mugabo  Kuchata akaba yari yafashwe mu mezi abiri aheze arikumwe nabandi 3 bari bafadikanije muruwo mugambi sentare ya Zimbabwe yavuze ko wari umugambi ugayitse.

Sentare Nkuru ya Zimbabwe imucira urubanza yibukije ko igihugu ca Zimbabwe kwatarico kuzanamwo iterabwoba ahubwo ko ashaka gukora ivyiterabwoba yari kuja kwibera mu bihugu nka Afghanistan.

Uyu mugabo naho yaciriwe igipfungo c’imyaka icenda yamenyesheje ko atemeye nagato ingingo ya Sentare ahubwo kwategerezwa kunguruza kuko muvyo bamwagiriza hariho bimwe atemera kuko wewe yemera icaha gusa co gushaka guturira ubusho bw’inka bwa Mugabe kugira nawe abone amagogwa abanyagihugu batobato babayemwo.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..

 


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply