Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

1:Jacob Zuma:Jacob Zuma n’umukuru w’igihugu ca Africa yepfo ,yabaye umukuru w’igihugu ca Africa yepfo  itariki icenda (9)rusama 2009.Uyu mugabo atwara igihugu ca Africa yepfo ntiyigeza aheza namashure yiwe y’intango ,kuja muvya Politike akiri muto nokuba imboneza mu bandi nivyo vyonyene vyatumye aba umukuru w’igihugu ca Africa yepfo.

Jacob Zuma umukuru w'igihugu ca Africa y'epfo

Jacob Zuma umukuru w’igihugu ca Africa y’epfo

2:Salva Kiir Mayardit :uyu n’umukuru w’igihugu ca Sudan yepfo ,yabaye umukuru w’igihugu inyuma yaho Sudan icitsemwo ibice bibiri hakaba iya ruguru n’iyepfo,uyu mugabo yagiye munyeshamba igihe yaragejeje amashure yiwe mu ntango ,yaje kuba umuntu akomeye murizo nyeshamba ndetse akaba yaza ubwakabiri kuri Dr John Garang murizo nyeshamba ,ariko uyu Dr John Garang yaje kurasigwa mu ndege ya kajugujugu bica bituma uyu Salva Kiir Mayardit ariwe aca aja kw’isonga ziryo nyeshamba none ubu n’umukuru w’igihugu ca Sudan yepfo.

Salva Kiir Mayardit umukuru w'igihugu ca Sudan yepfo

Salva Kiir Mayardit umukuru w’igihugu ca Sudan yepfo

3:Ismail Omar Guelleh:uyu n’umukuru w’igihugu ca Djibouti ,yabaye umukuru w’igihugu ca Djibouti mu mwaka wa 1999 gushika nubu akaba ariwe akiri umukuru w’igihugu wa Djibouti ,Ismail Omar Guelleh ntiyigeze ahonyora mwishure ahubwo yize amashure y’idini rya Islam azwi nka traditional Islamic   school ,munyuma aza kuja mugipolisi arivyo vyamutumye aba umuntu akomeye gushina naho aba umukuru w’igihugu.

Ismail Omar Guelleh umukuru w'igihugu ca Djibouti

Ismail Omar Guelleh umukuru w’igihugu ca Djibouti

4:Omar Al Bashir:uyu n’umukuru w’igihugu ca Sudan yaruguru ,inyuma yo guheza amashure yiwe y’intango yaciye aja mugisirikare ca Sudan mu mwaka wa 1966 ,yarose amahigwe yo kuja gukarisha ubwenge mu vya gisirikare muri Egiputa arivyo vyatumye agaruka mugihugu akomeye cane ,Omar Al Bashir yatanguye gutwara Sudan mu mwaka wa 1993 gushika nubu akaba ariwe akiri kubutegetsi.

Omar Al Bashir umukuru w'igihugu ca Sudan yaruguru

Omar Al Bashir umukuru w’igihugu ca Sudan yaruguru

5:Abdelaziz Bouteflika :uyu n’umukuru w’igihugu ca Algeria ,yatanguye gutwara iki gihugu  itariki 27 ndamukiza (4)mu mwaka wa 1999,yize kumashure atandukanye yo muri Algeria kubera ukugenda ayobegwa mu mashure, akaba yahejeje amashure y’isumbuye ariko ntiyigeze yiga kaminuza.

Abdelaziz Bouteflika umukuru w'igihugu ca Algeria

Abdelaziz Bouteflika umukuru w’igihugu ca Algeria

6:Yahya Jammeh :uyu n’umukuru w’igihugu ca Gambia,yize amashure yiwe murico gihugu nyene kw’ishure riri mugisagara ca Banjul,Yahya Jammeh yahejeje amashure y’isumbuye (secondaire)aca aja gukarisha ubwenge mu vyagisirikare muri reta zunze ubumwe bwa Amerika hamwe no muri Senegal.Yahya Jammeh yatanguye gutwara Gambia itariki 16 gitugutu 1996

Yahya Jammeh umukuru w'igihugu ca Gambia

Yahya Jammeh umukuru w’igihugu ca Gambia

7:Paul Kagame:uyu n’umukuru w’igihugu kibanyi c’uRwanda ,yavukiye mumajepfo y’igihugu c’uRwanda ,yabaye umukuru w’igihugu itariki 24 gitugutu (10)2000,Paul Kagame yamaze igihe ciwe c’ubwana mugihugu ca Uganda aho yari yarahungiye n’umuryango wiwe ,yaje gutangura kwiga amashure y’intango kw’ishure ritoya rya Rwengoro Primary School ryari ryegereye  ikambi y’impunzi ,agiheza amashure y’intango yaciye aja  kubandaniriza kuri Ntare School rimwe mumashure ari muri Uganda , Kagame yaje kwirukanwa kuri Ntare School bituma ataronka amahigwe yo kuhahereza ariko yaciye yunguruza aza guhereza amashure yiwe ya Secondaire kuri  old kampala secondary school.Paul Kagame akaba atamashure ya Kaminuza yigeze ahonyoramwo ariko yagiye mugihugu ca USA gukarisha ivyubwenge mu Gisirikare.

Paul Kagame: umukuru w'igihugu c'uRwanda

Paul Kagame: umukuru w’igihugu c’uRwanda

 

8:Mohamed Abdel Aziz:uyu n’umukuru w’igihugu ca Mauritania,yatanguye kurongora igihugu ca Mauritania itariki 5 gitugutu 2009,naho atarupapuro rw’umutsindo rwa Kaminuza afise ,yabaye umwe mubasirikare bakomeye murico gihugu arivyo vyatumye agigwa umukuru w’igihugu.

Mohamed Abdel Aziz: umukuru w'igihugu ca Mauritania

Mohamed Abdel Aziz: umukuru w’igihugu ca Mauritania

9:Isaias Afwerki :uyu n’umukuru w’igihugu ca Eritrea ,yahejeje amashure yiwe ya Secondaire mu mwaka wa 1965 ,Isaias Afwerki yaciye aja kwiga amashure yiwe ya kaminuza kw’ishure rya College of Engineering riri muri Haile  selassie ariko aza kuyata agiheza umwaka w’ambere aca yigira mugisirikare carwanya reta citwa Eritrean freedom sluddgle,Isaias Afwerki  yabaye umukuru w’igihugu ca  Eritrea kuva 1993.

Isaias Afwerki :umukuru w'igihugu ca Eritrea

Isaias Afwerki :umukuru w’igihugu ca Eritrea

10:Denis Sassou Nguesso:uyu n’umukuru w’igihugu ca Congo Brazzaville yatanguye kurongora iki gihugu itariki 25 gitugutu 1997  ,Denis Sassou Nguesso yize amashure y’ubwarimu kw’ishure rya Dolosie,yaje gutangura kaminuza ariko aza kuyicira hagati aca yigira muvyagisirikare ,Denis Sassou Nguesso yaronkejwe inyigisho za gisirikare kuva mu mwaka wa 1961 gushika 1963 ,aza no kuja gukarisha ubwenge muvya gisirikare mu gihugu ca Algeria hamwe n’igihugu c’uBufaransa.

Denis Sassou Nguesso:umukuru w'igihugu ca Congo Brazzaville

Denis Sassou Nguesso:umukuru w’igihugu ca Congo Brazzaville

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply