Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umurwi uririmba indirimbo za HipHop mu Burundi ,ariwo Overdo  Team Forever wongeye gusohora akandi karirimbo gashasha imbere yuko umwaka wa 2016 utangura .

Iyi ndirimbo ya Overdo Team ikaba yaririmbwe nabamwe mubasore bagize uyu murwi bagera kuri babiri gusa ,ariko bakaba bayikoranye n’uwundi muririmvyi asanzwe nawe akora injana ya Hip Hop abarizwa mu Gatumba ariwe Tip Mill,aha kuruhande rwa Overdo bobo bakaba bari baserukiwe na N-T  Kadaffi hamwe na Stikk .

Nkuko twavyiganiye na Snowcay asanzwe ariwe aserukira uyu murwi kuva mumwaka wa 2011 ,yatumenyesheje ko iyi ndirimbo yasohotse iri muri zike bakoze mumisi iheze kandi ko bafise n’izindi nyishi babikiye aba fans babo kandi ko vuba bazozishira ahabona kugira babandanye banezereza abakunzi babo.

Snowcay yabandanije amenyesha ko yakunze iyi ndirimbo cane   naho muriyi  ndirimbo hari habuzemwo 3 mubagize Overdo Team .

Umviriza iyo Ndirimbo ngaha hasi

Kubwa N-T ngo iyi ndirimbo yabo  yoba yabaye urupfunguruzo mumwuga wabo wo kuririmba.

N T Kaddaffi umwe mubagize Overdo Team yagize ati”Inyuma y’iyi ndirimbo Destination  twasohoye twarose ubutumwa bugufi kurubuga rwacu rwa Facebook aho umwe mu Barundi baba muri Amerika yashimye cane  iyo ndirimbo yacu aca anadusaba ko bibaye vyiza twokorana akatubera Manager ,ariko sinihuse kumwishura kuko aringingo  itoroshe kuko itegerezwa gufatwa  n’umurwi wose uko turi 5 na cane cane umukuru w’umurwi Snowcay.”

Inyuma yibi rero tukaba twagerageje kubaza Snowcay akuriye uyu murwi   kuvyerekeye uwo mu manager mushasha boba bagira baronke ariko yatubwiye ko vuba azotangaza nimba vyukuri bagiye kugira manager kuko yatumenyesheje ko bivanye n’ugufatirwa kwakazi k’ishure atari bwavugane nuwo yipfuza kubabera Manager ,ariko ko mumisi mike cane azoshikiriza  abakunzi bumuziki wabo icavuyemwo.

 


Categories: Amakuru, Muhira, Umuziki

Leave a Reply