Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihe amakuru abandanya acanacanako kubuhinga ngurukana bumenyi ariko aremeza ko umuhuza mukibazo c’abarundi bwana Benjamin Mkapa ashaka ushikriza abakuru bibihugu ba Africa y’ubuseruko umugambi wo gushinga Reta irimwo bose kugira ikibazo co mu Burundi gitoregwe umuti ,abasanzwe batavuga rumwe n’ubutegetsi bobo bamaze kuvyamirira kure ndetse bamwe mubasanzwe bafise ijunja n’ijambo murunani CNARED bamaze gukurira ikoni kugishitsi ko batorota narimwe baja muriyo reta hamwe Petero NKURUNZIZA ariwe yoba akiri umukuru w’igihugu c’uBurundi.

Nkuko vyatangajwe n’urunani CNARED rubcishije kurukuta rwabo rwo kumenyesha amakuru rwa Twitter ,uru runani rusanzwe rurimwo imigabwe myishi rwamenyesheje ko rudashigkiye nagato ico ciyumviro ca Reta ihuriyemwo bose mugihe Petero Nkurunziza yoba acitwa umukuru w’igihugu c’uBurundi.

 

14212583_629307383918921_7195306583709045671_n

Aya akaba ariyo majambo urunani CNARED rwanditse kubuhinga ngurukana bumenyi rwabo rwa Twitter

Ibi kandi vyongeye gushimangirwa na Anicet Niyonkuru asanzwe ari umuyamabanga mukuru w’urunani CNARED giriteka (Secrétaire exécutif) aho yamenyesha ko hamwe boja muri reta irimwo bose ko kwoba ari ugushigikira ikiringo cagatatu ca Petero Nkurunziza ndetse no gupfukapfuka amabiyose yakozwe n’ubutegetsi kuva mu mwaka uheze.

14192149_629307390585587_7855740217157562804_n

Amajambo ya Anicet Niyonkuru (Secrétaire exécutif ) wa CNARED Giriteka yashikirije kuri Twitter yiwe

Tubibutse ko iki c’iyyumviro ca Reta ihuriyemwo bose bwana Mkapa ashobora kugishikiriza abakuru b’ibihugu ba AFRICA y’ubuseruko muruku kwezi kw’icenda mu nama izohuza abakuru b’ibihugu ba Africa y’ubuseruko  i Arusha muri Tanzania.


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

One Response so far.

Leave a Reply