Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Murwandiko rwasohowe n’Umushingwamanza mukuru wa repuburika y’uBurundi ,kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 19 ruhuhuma 2016 ,bwana Valantin Bagorikunda yamenyesheje ko hakuweho   imitahe mpuzamakungu yari yarungikiwe bamwe mu banyapolitike b’Uburundi hamwe nabasanzwe babarizwa mumashirahamwe adaharanira ivyicaro vya Politike mu Burundi.

Aba bakuweko iyi mitahe mpuzamakungu yo gufatwa bose hamwe bashika kuri 15 ,bakaba bagizwe ahanini n’abanyepolitike  hamwe n’abandi basanzwe  babarizwa mu mashiramwe adaharanira ivyicaro vya Politike ndetse n’abamenyesha makuru.

12711266_541954989320828_9205466568360650139_o

Ibi bikaba bikozwe imbere y’imisi itatu gusa kugira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amahoro n’umutekano kw’isi bwana Ban Ki Moon ngo yishikire mu gihugu c’uBurundi kugira aze kwirabira aho uBurundi bugeze kuva iryane zatangura.

Irabire Urutonde rwabo 15 musi

1:Nkurunziza Aime

2:Nkurunziza Justine

3:Barampama Marine

4:Bireha Audace

5:Sebarundi Christophe

6:Nsabiyumva Evariste

7:Kanyange Jenevieve

8:Ndayiziga Oscar

9:Rufyikiri Gervais

10:Ntavyohanyuma Pie

11:Mabobori Catherine

12:Ndayisenga Felix

13:Cimpaye Pancrce

14:Nyangoma Leonard

15:Kaburahe Antoine

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

One Response so far.

  1. hamissi mukiwa says:

    murundi harakenewe gufatwa ingingo kuvyerekeye umutekano,agahugu kacu nigato keza ntitwaridukwiye kugasambura

Leave a Reply