Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya Politike yavuye murunani rwa CNARED hasigaye umusi umwe gusa ngwibiganiro bitangure

Inyuma yaho amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya Politike agiriye hamwe n’urunani CNARED kugira bakure kubutegetsi Petero Nkurunziza ndetse bakaza kugira na Reta y’iwabo aho mbere bamwe mubarongoye ayo mashirahamwe bari bahamwe ibibanza munzego za CNARED ,ubu ibintu bisa naho vyahindutse kuko abasanzwe barongoye ayo mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya Politike yamaze gusohora urwandiko amenyesha ko yakinjuye murunani CNARED.

Nkuko vyamenyeshejwe na Vital Nshimirimana umwe mubasanzwe barongoye ishirahamwe ridaharanira ivyicaro vya Politike mu Burundi ,yamenyesheje yuko ayo mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike kwakinjuye murunani CNARED ariko ko bazobandanya barwanya ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Ibi bikaba bishikirijwe mugihe hari hasigaye  umusi umwe gusa kugira ibiganiro bitangure ,kuko bitegekanijwe ko ibiganiro bizotangura kuruyu wa 28 kigarama 2015

Raba hasi urwandiko rwasohowe n’amashirahwe adaharanira ivyicaro vya Politike

992907_1539717109682372_8492687112734044920_n1660752_1539717006349049_7840344080890950544_n

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply