Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kuva kera mukibano hari ibintu vyinshi vyatuma abantu benshi bipfuza guhitamwo ko yotwara inda y’umuhungu canke y’umukobwa ,ariko kenshi ugasanga benshi bashaka kuvyara akana kagahungu kuko kuva kera wasanga umukenyezi atavyaye akana kagahhungu ashobora kwirukanwa n’umugabo wiwe .

Ubushakashatsi canke ubuhinga bwanone bw’abaganga babinonosoye buremeza ko abavyeyi bashobora guhitamwo igitsina c’umwana bipfuza kuvyara.Naho benshi bemeza ko ubwo buhinga bwamaze kuboneka benshi usanga batabukoresha kubera buzimvye cane kandi busaba guharura.

Kurundi ruhande hariho ubundi buhinga busanzwe bushobora gufasha abantu gutwara inda yigitsina c’umwana wipfuza utarinze gutanga amahera menshi canke ngo ukoreshe imiti yo kwamuganga.

Ubushakashatsi bakozwe bwerekana ko ushobora kugwiza amahigwe yokuronka umukobwa canke umuhungu ukurikije bumwe mu bihinga bwagiye buremezwa ko bushobora gutuma usama inda y’igitsina c’umwana ushaka.
Kugira umenye uburyo bushobora kwongereza amahigwe yogusama inda y’umuhungu reka dutangure intabwe yambere.

1:Ubuhinga bwambere bwavuzwe n’abahinga muvyubuganga n’ubuhinga bwa shittles

Ubu buhinga bwa shittles busanzwe bifise uburyo butatu nyamukuru bwokwogwamwo ndetse iyo ukurikije bumwe muribwo ushobora gusama inda y’umwana w’umuhingu bikworoheye cane.

1.Nukumenya igihe urubuto rw’umugore canke irigi rwahiye kugira rwakire urubuto rw’umugabo.

3

Menya igihe urubuto rw’umugore canke irigi rwahiye kugira rwakire urubuto rw’umugabo.

uburyo bwa shittles n’ubuhinga bwasizwe hamwe kugira bagwize amahigwe yogushobora gusama inda y’umwana wipfuza. Ubwo buhinga bwa shittles buvugwako bwongereza amahigwe yogusama inda y’umwana w’umuhungu iyo baranguye amabanga y’abubatse mugihe urubuto rw’umugore rwahiye.
Mbega urazi igihe urubuto rw’umugore wawe ruhira canke ruba rwiteguye kwakira urubuto rw’umugabo?

Ubwo buryo bwa shittles butegekako wocunga ukongera ukamenya neza igihe umukenyezi wawe yoba ari mugihe cuko urubuto rwiwe rwahiye .Kumvo zuko benshi bakunda kunanigwa nukumenya uyu musi uwariwo ubaganga bahanura ko uwoba atabishoboye yosaba impanuro kubaganga bamwegereye kugira bamubwire ingene ashobora kumenya igihe urubuto rwiwe rwahiye

Shittles ahanurako wokora ibipimo vyuko urubuto rw’umugore rwahiye kabiri kumusi hagati y’isaha 5 zomugatondo n’isaha 9 , inyuma ya yumutaga hagati ya 5h n’isaha 10hr z’umugoroba wifashishije igipimo wahawe kwa muganga.

2Gusaba umugabo koyongera imbuto.

Uburyo bwa Shittles buhanurako umugabo yokora ibishoboka kugira yongereze imbuto kugira amahigwe yogusama inda y’umwana bipfuza yongerekane mumibonano mpuza bitsina yambere wakoze.
Muriki gihe umugabo ategerezwa kwirinda kugora umubiri hagati y’imisi ibiri n’itanu imbere yuko urubuto rw’umugore rusha.nubwo ivyo vyavuzwe imbuto z’umugabo kugira zongerekane bivana nibintu vyinshi.ibi bikurikira biratuma imbuto z’umugabo ziba nyishi kandi zikaba nziza. Kugumiza udusaho dukora imbuto z’umugabo abantu hameze neza kuko imbuto zimera neza iyo utwo dusaho dufise ubushuhe buri musi y’umubiri .kubwivyo mwirinde kwambara impuzu zomusi zibegereye cane. Kwogera ahantu hari umu kuba w’amazi hamwe nogushira i mashini nyabwonko kumubiriwawe ahegereye imyanya y’ibanga yawe.

Kutanywa inzoga hamwe n’itabi.abantu banywa itabi n’ inzoga nyishi bafise imbuto zidatanga amahigwe menshi yo kuvyara umwana bipfuza.
Ntimugafate ibintu bibujijwe n’amategeko nk’itabi ,marijuana kuko bituma umubiri ukora imbuto zimeze nabi. Nicokimwe nokunywa ibiyayuramutwe nka cocaïne n’ibindi. Kubwa shittles ngo vyonona ikogwa ryimbuto z’umugabo.
Nukwirinda imiti imwimwe kuko hariho imiti myishi yonona akanovera kubugabo murivyo bakaba harimwo ico bita chimiothérapie. Chimiothérapie izana kutagira akanovera kubugabo kandi ntibihera iyo bije.[2] iyo uri kumiti ikomeye bibwire umuganga wawe agukurikirana ashobora gufata urubuto rwawe akarubika kugira mugire icizere cuwo muzosama munyuma

2-2

Gabanya kunwa itabi canke ibiyayura mutwe

3.Mukore imibonano mpuza bitsina mugihe co gusama.

iyo umugore azineza ko ari mugihe co gusama numwanya mwiza wokurangura amabanga y’abubatse .mumajambo make mwategerezwa kurangura amabanga y’abubatse mugihe cogusama imbere yama saha 24 imbere yuko igihe co gusama gitangura ninyuma yaho amasaha 12.iyo rero wizeye ubwo buryo bwa Shittles muba mufise amahigwe menshi yogusama inda y’umwana w’umuhungu mwico gihe.

Uwo buryo bwa Shittles buvugako iyo umuntu yakwije ibisabwa vyose imbuto z’umugabo zito kandi zinyaruka zishikira urubuto rw’umugore bitagoranye urubuto rw’umugore canke irigi ry’umugore ngo ni rinini kandi ryo riritonda ariko nubwo ryitonda rirakomera.tukivuga kubwo buryo bwa Shittles nyene hari amahigwe 50 kw’ijana yogusama abandi bana kuko imbuto z’umugabo zipfa arinyishi mu gitsina c’umugore

Iyo baranguye amabanga y’abubatse umugore ari mugihe co gusama hari amahigwe menshi yuko urubuto rw’umugabo rushikira urwumugore bitagoranye ubwonyene ari naco gica gitanga amahigwe yo kuvyara umwana w’umuhungu.

Iki akaba ari igice ca mbere mubice bitandatu twabateguriye kubijanye ningene ushobora gusa inda y’umwana w’umuhungu.

1-1

Gerageza gukorana imobonano mpuzabitsina nuwo mwubakanye mu misi yo gusama

 


Categories: Amakuru, Muhira, Urukundo

Leave a Reply