Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Stella Nyanzi ,umwigisha wo muri Makerere University ,imwe muri kaminuza zikomeye cane mugihugu ca Uganda ,yatangaje amajambo atangaje cane aho yamenyesheje ko hamwe umukuru w’igihugu ca Uganda yokwongera gutsinda amatora yo kurongora igihugu ca Uganda kuyindi ncuro kwazoca aca bimwe mubihimba vyiwe vyirondoka.

Uyu mukenyezi asanzwe ari mubakenyezi bakunze kwerekana ko batishimiye na gato intwaro ya Yuweri kaguta Museveni atwaye Uganda ikiringo kingana n’imyaka 30.

Stella Nyanzi kw'ifoto

Stella Nyanzi kw’ifoto

Stella Nyanzi yagize ati:Hamwe Museveni yotsindira kuba umukuru wigihugu kandi muraya matora y’umukuru w’igihugu twimirije ,nzokuramwo ipantalo yanje bukebuke hama nicarike ibihimba vyanje vy’irindoka k’umbabura,ndabicanire bibe uduce duce hanyuma utwo duce nzoce ndadukoresha nkikereyo mugusiga ibendera rya Uganda kugira ryirabure.

Stella Nyanzi yashikirije amajambo menshi abashoboye gusobanukirwa n’ururimi rw’icongereza murashobora kuyisomera mu kinofunofu

Mumajambo yiwe mururimi rw’icongereza Stella Nyanzi yagize ati:

>>>If Museveni wins the presidential elections in February 2016, I will slowly remove my panties, sit by my burning charcoal-stove, roast my clitoris crunchy black, and use the burnt piece as a crayon to colour the Ugandan flag all black. In case the head of the electoral commission announces that Museveni is going to lead Uganda for five more years, I will get my hoe, carefully dig out my nipples from each breast, pound them into a red bloody paint to highlight the constitutional articles that raped presidential term limits out of our land. If the ballot swings in Museveni’s favour, I will gently cut up my skull, yank my brains out of my head, put them in a white papyrus kikapu, take them to the House of Parliament, and nail them to the high ceiling of that powerful shrine. If Museveni wins this presidential election, I swear to God, I will pull out my fallopian tubes, ovaries and uterus, make them into a beautiful necklace and sell them wrapped in the national flag to the lowest bidder on e-bay. Where is the pride and honor in being a Ugandan citizen ruled for over thirty years by the same man?”

Tubibutse ko amatora y’umukuru w’igihugu ca Uganda ategekanijwe muruku kwezi ka ruhuhuma ,uwuzotoregwa kuba umukuru w’igihugu akazoca atwara igihugu ikiringo c’imyaka 5.

Museveni akaba asanzwe ahiganwa n’abagenziwe bahoze bari kumwe mu vya politike ariko bakaza kumwikura kubera yashatse kugumbira ubutegetsi wenyene abo nabo akaba ari Kiza Besgiye hamwe na Mbabazi

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..

 


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply