Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yigihe kitarenze umusi umwe gusa igisirikare kigwanira mu mazi cigihugu ca  Iran gifashe mpiri abasirikare ba Reta zunze ubumwe bwa Amerika kubera bavogereye igihugu cabo,umwe mubariko barashaka gusubirira umukuru w’igihugu ca Amerika bwana Barack Obama yababajwe cane nivyo abasirikare ba USA bakorewe.

Donald Trump ariko arashaka gusubirira  Barack Obama kubukuru  bw’igihugu  bwo kurongora  Reta zunze ubumwe za Amerika yerekanye umubabaro udasanzwe aho yavuze ko uko abasoda babo bafashwe nabi ,bongera barasuzugugwa n’inzego za gisirikare za Iran ,Donald yamenyesheje ko ivyabaye vyamubabaje ndetse ko atazigera avyibagira kandi ko vyerekanye ko Amerika atanguvu igifise  muri rusangi.

Donald .J.Trump akaba atihanganiye nagato  ivyashikiye aba basirikare ,ndetse akaba yaciye aca no kurukuta rwiwe rwa facebook aca yandikaho amajambo akurikira”Iran humiliated the united states  with the capture of  our 10 sailors .Horrible pictures&images .We are weak .I will not forget.

Donald Trump akaba yashize kurukuta rwiwe ayo majambo

Ayo akaba ariyo majambo Donaldo yasize kurubuga rwiwe rwa Facebook

Aba basirikare ba Reta zunze ubumwe bwa Amerika bakaba baje kurekurwa inyuma yaho ,Reta zunze ubumwe bwa Amerika bwemereye ikosa ryo kuvogera igihugu ca Iran ndetse banabanje gusaba ikigongwe igihugu ca Iran.

Rikaba ritabaye ubwambere igihugu ca Iran gifashe abasirikare ba reta zunze ubumwe bwa Amerika kuko kenshi ,amerika ikunda kurungika abasirikare mu mazi yegereye Iran kugira baze gukora iperereza kubigwanisho ruhanya nganda bariko barakora.

…………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………….

 


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply