Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umukinyi w’umurwi w’umupira wamaboko wa  Berco Stars ahejeje kw’itaba Imana mugihe yari mukibuga c’itiriwe Toyota giherereye kuri Mutanga Nord aho yariko arakora imyimenyerezo nabandi kugira azoje guserukira igihugu muri Angola munkino z’umupira w’amaboko (Basket Ball)

Uyu yitavye Imana yari umwe mubakinyi ba  Berco Stars baheruka guhesha iteka igihugu aho batahukana igikombe c’umupira wamaboko ca Zone 5 caheruka kubera mugihugu c’Urwanda.

Uyu mw’igeme yarazwi kw’izina rya Ndayisaba Jerturde ariko yakunda guhamagagwa n’abagenziwe nka JEJE.

Iri sanganya rero rikaba ribaye imbere yamasaha make gusa umurwi wa  Berco Stars ,wagira ufate Indege ibashikana mugihugu ca Angola aho bari kuba bagiye gukina inkino zo kurwego rwa Africa mu Basket Ball.

Gushika aya masaha rero  ntiharamenyekana icoba cahitanye uyu mw’igeme kuko y’itabiye Imana mukibuga mugihe yariko arakora imyimenyerezo nabagenziwe.

Iki rero kibaye ikintu kidasanzwe gishikiye umurwi wa  Berco Stars kuko naho ugiye guserukira igihugu bazoba bagiye mumaganya n’agahinda ka mugenzi wabo babuze giturumbuka .

Umuhisi Ndayisaba Jerturde kw’ifoto

12295521_988944561171846_3684115361423021915_n


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply