Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Naho vyari bimenyerewe ko kumusi mukuru wo kwigina umwaka mushasha ,abarundi isinzi na cane cane abasanzwe baba mugisagara ca Bujumbura baba bari mumunezero udasanzwe hamwe n’imiryango yabo ,kuruyu musi wowo wa gatanu utangura umwaka wa 2016 siko vyagenze kuko bamwe mubanyagihugu baraye imitima itari munda kubera amasasu nama Obus yavugiye mugisagara ca Bujumbura.

Muriri joro ryo kuwagatanu itariki 1nzero 2016 ,humvikanye amasasu  hamwe nama grenades  ahatari hake, mubice bimwe bimwe vyigisagara ca Bujumbura .

>>BUYENZI :Muri zone ya Buyenzi isanzwe ibamwo abantu benshi hatewe ama grenade n’abantu bataramenyekana ,aya ma grenade yatewe muriyo zone akaba yatewe mubunwero  busanzwe buherereye kw’ibarabara rya 10 ryiyo commune nyene.Inyuma yivyo hakaba hanavuzwe ko hashobora kuba hari abasize ubuzima murubwo bugizi bwa nabi mugihe abandi bakomeretse.

 

Kurundi ruhande muri zone ya Rohero isanzwe iri hagati mugisagara ca Bujumbura ,hatewe ibibombe biri mu bwoko bwa Obus ,ivyo navyo bikaba vyaguye kunzu yumwe mubanyagihugu baba muriyo zone ya Rohero.

Inzu yateweko ama OBUS yononekaye cane

Inzu yateweko ama OBUS yononekaye cane

 


Categories: Muhira

Leave a Reply