Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umushingamateka yatowe muntara ya Ngozi  Rwasa Agathon,akongera akaba umwe mubaza imbere mubatavuga rumwe  n’ubutegetsi bwa Nkurunziza ahari mugisagara ca Cape Town mugihugu ca Afrika y’epfo yamenyesheje kwafise ubwoba bwo kugandagurwa n’akarwi kitwaje ibirwanisho.

Bwana Agthan Rwasa yagize ati”Hari abantu muvyukuri bashaka kunzimanganiriza ubuzima,kandi biragoye kumenya uwushakakubikora kuko uwuzoshobora kubikora azokwagiriza muginziwe kwariwe yabikoze”aho akaba yariko aravuga abasanzwe barongoye igihugu hamwe n’umurwi uvuga ko w’itwaje ibirwanisho uhora utana mumitwe n’inzego z’umutekano.

Rwasa Agathon yabandanije agira ati”Umutekano wanje ndetse n’uwabanyagihugu bu Burundi  muri rusangi nta garanti (Guarranty) ufise kuko umwanya n’umwanya urashobora kwakwa ubuzima. 

Rwasa Agathon  akaba yabandanije amenyesha ko atagiye guhiga ubuhungiro muri Africa y’epfo ahubwo kwazosubira vuba mumuryango wiwe iBujumbura.

Rwasa Agathon akaba yabandanije avuga ko mundwi iheze  hari imodoka  ya Pick up itari ifise numero iyiranga yari yamutegeye iriko n’inkoho za Mitralleurs kugira imugandagure ariko aza kubimenya aca aca mukandi kayira kugira ashike aho yaragiye.

CUvwlhZWIAA8zHL

Tubamenyesho ko rwasa Agathon ari murugendo rwakazi  nk’icegera c’ambere c’umukuru w’inama nshingamateka mugihugu ca Afrika yepfo akaba ateganya gugaruka iBujumbura kumusi w’Imana itariki 29-11-2015 .

 

Umviriza amajwi ya Agathon Rwasa


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply