Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yaho inzego z’umutekano z’uBurundi zerekaniye umwenegihugu w’uRwanda nkumwe muri basumyi burusaku b’igisirikare c’uRwanda yoba yafatiwe mu Burundi ,uwuvuga kwari umuvyeyi wa Cyprien Rucyahintare yabesguje amakuru yuko uwo mwana wiwe yoba yarigeze guhonyora mugisirikare c’uRwanda.

 

Esdras Nsabimana ,umuvyeyi wa Cyprien Rucyahintare, yabeshuje amakuru yatanzwe n’umwana wiwe aho Cyprien Rucyahintare ,yaheruka kwemeza ko ari umusumyi w’urusaku w’igihugu c’uRwanda kandi kwasanzwe ari no munzego z’igisirikare kw’ipeta rya captain,Esdras Nsabimana avyara Cyprien Rucyahintare yemeje ko kumwana wiwe atigeze ahonyora mugisirikare c’igihugu c’uRwanda numusi wa rimwe

Esdras Nsabimana yabandanije amenyesha ko umwana wiwe atakindi cari gisanzwe kimutunze ko ,yarasanzwe atunzwe n’ubusuma bwo kwiba ,aho yagenda yiba inkoko hamwe n’impene mu babanyi biwe

Umviriza amajwi ya Esdras Nsabimana yemeza kwari se wa Cyprien Rucyahintare

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..

 

 

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply