Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihe isakwa ry’ibirwanisho ribandanya mugisagara ca Bujumbura ,na cane cane muma zone yabayemwo cane ukwiyamiriza ikiringo ca 3 c’umukuru w’igihugu bwana Pierre Nkurunziza ,igipolisi kibandanya cerekana ibirwanisho  kiguma gikura mubanyagihugu .

 

Igipolisi c’uBurundi kibicishije kumuvugizi waco bwana Pierre Nkurikiye ,casize ahabona ibirwanisho catoye muri zone ya Nyakabiga.

nkuko vyashikirijwe nuyu mushingantahe bwana Pierre Nkurikiye ,yamenyesheje ko ibi birwanisho vyatowe kw’ibarabara rya 13 muri zone ya Nyakabiga.

 

Nkuko yabandanije abishikiriza ,ibi birwanisho vyari mugisandugu (malle)carimwo ibirwanisho bikurikira:

-Amabombe 7 ya mortier 60

-Amasasu arenga 2000 y’inkoho ya Pistole

-Amasasu arenga 2000 y’inkoho ya karashinikove

-Umwambaro w’igipolisi hamwe n’impuzu yo kwikingira imvura(impermeable)

-Indabirakure ariyo Jumeles

-Ama chargeurs 2 ya Pistole

11707336_1673583089522341_848407681045884432_n

 

Ibi birwanisho bikaba vyafashwe mugihe haheze imisi irenga iyinga igipolisi caratanguye gukura ibirwanisho kunguvu mubanyagihugu batabifitiye uruhusha.


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply