Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma y’igitero  cahatswe kuzimanganya ubuzima bwa Willy Nyamitwe asanzwe ,ari umuhanuzi mukuru mubijanye no kumenyesha amakuru mu Bureau vy’umukuru w’igihugu ,Pierre Nkurikiye ,asanzwe avugira igipolisi c’uBurundi yatanze ikiganiro kubanditsi n’abamenyesha makuru mu ntumbero yo gusigura ibijanye nico gitero hamwe no gushira ahabona aboba  bari inyuma yico gitero .

Nkuko umuvugizi w’igipolisi yabishikirije ,bwana Pierre Nkurikiye yamenyesheje ko ,abakoze igitero kuri Willy Nyamitwe bari basanzwe bikekwa ndetse ko bamwe muribo bari bamaze gufatwa.

pierre-nkurikiye umuvugizi w'igipolisi c'uBurundi

pierre-nkurikiye umuvugizi w’igipolisi c’uBurundi

Pierre Nkurikiye yongeye kandi no gutunga urutoke ,igihugu c’uRwanda aho yemeje ko abatanga amategeko yo kugandagura indongozi nkuru nkuru zo muri Reta y’uBurundi basanzwe bahawe ubuhingiro n’igihugu c’uRwanda ndetse agirako ashikiriza amazina abiri bari inyuma yivyo bitero.

Umviriza Pierre Nkurikiye mu majwi ngaho musi

Fyonda ngaha ubandanye uronka amakuru yacu bitakugoye kuri facebook

 


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Leave a Reply