Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Yvan Bebeto ,umusore w’umurundi ava mugisagara ca Bujumbura muri Quartier ya musaga aheruka gufatirwa mu gihugu ca Uganda mu gisagara ca Kampala ,azira kwihindura umukobwa agaca ahenda abagabo bo murico gisagara ca Kampala .

Bebeto yafashwe n’igipolisi ca Uganda gisanzwe kiri mu gisagara ca Kampala aca ajanwa kuri station ya polisi izwi nka Katwe .

Nkuko igipolisi cabishikirje camenyesheje ko Yvan Bebeto yafashwe kubera kwihindura umukobwa akiha ishusho y’umwigeme kandi asanzwe ari umuhungu.

Kwihindura umwigeme rero kwa Bebeto ngo vyatuma ashobora guhenda abagabo batari bake bo murico gihugu ca Uganda ndetse akagenda abarya amahera akoresheje iyo sura yaboneka neza kwari nkiy’umukobwa.

 

Mu masanamu yasizwe hanze n’igipolisi ca Uganda ,Yvan Bebeto nawe ubwiwe yiyemereye kwava mu Burundi ndetse akaba yaramaze n’igihe  kitari gito murico gihugu.

Raba amashusho y’ingene Yvan Bebeto yafatiwe muri Uganda ngaho musi

 

Fyonda ngaha ubandanye uronka amakuru yacu bitakugoye


Categories: Amakuru, Muhira, Urukundo

Leave a Reply