Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umushingamateka Persille Mwidogo wewe asanga Pierre Nkurunziza yatoranijwe n’Imana:umviriza amajwi

Abashingamateka bose  barikumwe n’abakenguza mateka bose batowe mubice bitandukanye vy’uBurundi bazindukiye mungoro yamakoraniro mu Kigobe kugira bige kukibazo c’irungikwa ry’abasirikare mpuza makungu ubumwe bwa Africa buheruka kuvuga ko bugiye kurungika mu Burundi, muruko kuja hamwe kugira barabe icokorwa kunyungu z’abarundi bise,abashingamateka bose hamwe n’abakenguza mateka bagiye  bagiye barahabwa ijambo umwe wese akagenda avuga uko abona ibintu n’icokorwa kugira uBurundi ntibusubire kurwa mu kaga.

Kuruhande rw’Ushingamatekakazi  Persille Mwidogo yatowe mu Ntara ya Ngozi  ,wewe ntabona ibintu kumwe n’abari ngaho kuko wewe afata ijambo yashikirije ahanini ibirimwo ijambo ry’Imana ,Persille Mwidogo wewe yemeza ko yabonekewe n’Imana ,mumajambo yiwe yagize ngo”Imana yarabwiye ko Umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza ari uwatoranijwe ……………..

Umviriza hasi amajwi ya Persille Mwidogo aho yariko arashikirza ijambo mungoro yamakoraniro mu Kigobe.

Tubibutse ko Persille Mwidogo yahoze ari icegera cambere c’umukuru w’inama nkenguzamateka y’uBurundi kuva itariki 28 myandagaro umwaka wa 2010 gushika mu mwaka wa 2015.

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

One Response so far.

  1. […] Umushingamateka Persille Mwidogo wewe asanga Pierre Nkurunziza yatoranijwe n’Imana:umviriza am… […]

Leave a Reply