Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Enock Ruberangabo Sebineza icegera c’umushikiranganji wama Posita hamwe no gutumanatumanako amakuru  mugihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya CONGO yaraye akuwe kumabanga yiwe vyihuse kubera amasanamu (Video)yiwe yabonetse ariko arikinisha(Arisambanya) mugihe yari ahasanzwe akorera.

Ikiringo c’iminota ine hamwe n’imisegonda 27 niyo aya masanamu ya Enock Ruberangabo Sebineza amara ariko arisambanya ndetse binaboneka ko mukwisambanya kwiwe yariko aravugana numuntu kubuhinga bwa none canke ko yariko araraba amareresi y’urukoza soni kuko imbere yiwe hari imbonesha kure nini cane.

Enock Ruberangabo Sebineza kw'ifoto

Enock Ruberangabo Sebineza kw’ifoto

Ibi vyose Enock Ruberangabo Sebineza yabikoreye ahasanzwe akorera muri Bureau hari n’ibendera ry’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya CONGO ,aho murayo masanamu Enock Ruberangabo Sebineza akuramwo igitsina ciwe mw’ipantaro akikinisha ndetse akanasohora n’intanga ziwe .

Inyuma rero yiyi nyifato iteye isoni ya Enock Ruberangabo Sebineza abantu benshi basavye kwaca akurwa mumabanga yiwe ariko guca akurwa murayo mabanga vyihuta n’itegeko ryasohowe n’umukuru w’igihugu kubera ubwo bube gito yakoze.

Tubibibutse ko Enock Ruberangabo Sebineza asanzwe afise imyaka 54 yamavuko akaba asanzwe ari mu miryango y’abanyamurenge bazwi nka (SHIKAMA) bo muri repuburika iharanira Intwaro rusangi ya CONGO akaba yanakunzwe kuvugwa cane kava mugihugu c’uRwanda ndetse akaba yagiye akunda kuboneka mubiganiro vyagenda bihuza abanyagihugu ba Repuburika iharanira intwaro rusangi ya CONGO ,Enock Ruberangabo Sebineza akaba yarabaye n’umushingamateka wo mubumunuko bwa Kivu mu nama nshinga mateka yo mu mwaka wa 2003 gushika 2006.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Mumakungu

Leave a Reply