Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umurwi wa Manchester United ,wo mugihugu c’uBwongereza warase utsinzwe n’ikipe ya Wolfsburg  yo mugihugu c’uBudagi bica bituma usezera inkino zo kurwego rwa burya (champion league)

Iyi mirwi yose uko yaribiri yarisanzwe iri mumurwi umwe irikumwe n’iyindi mirwi ibiri ,iyi mirwi yose ikaba yarigera kurine (4)yose ikaba yariko irahiganirwa kurengana igice cambere ciryo higanwa rya champion League na cane cane ko muriyo mirwi harengana imirwi ibiri iba yigenjeje neza muriyo ine.

Uru rukino rwa Manchester United yakinye rwari urukino rutari rworoshe kuko vyayisaba gustsinda umurwi wa Wolfsburg kugira ubashe kurengana ngo uje mugice gikurirkira.

Aya mahigwe rero akaba ataje gusekera uyu murwi wa Manchester United kuko utashoboye kuva imbere ya mukeba wayo ,yariko irakinira no kukibuga cayo mu Budagi n’imbere yabakunzi bayo.

Iyi kipe yo mubudagi ikaba yashoboye gutsinda ibitsindo 3 kuri 2 vya Man United ,ibi bica bituma iyi ekipe ya  Wolfsburg ica iza imbere mu murwi barimwo namanota 12 migihe umurwi wa Man United yaciye uza mukibanza ca 3 n’amanota 8 gusa.

Abakinyi bikipe ya Man United babuze ico bakora agahinda karabica inyuma yo gutsindwa igitsindo ca 3

mani


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply