Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umugwi wa Arsenal uri mumirwi ifise abakunzi benshi kw’isi waraya unyagiwe ibitsindo bine (4) vyose kubusa ,aho wasindwa na mukeba wayo Southampton .

Uru rukino rwa Arsenal rwayihuje na Southampton rwari rwitezwe n’abantu benshi ndetse n’abakinyi ba Arsenal bari biteguriye urwo rukino cane kuko basabwa n’umumenyereza wabo gutsinda urwo rukino kugira umwaka uhere bari kukibanza ca mbere kuko Leicester yarirongoye urutonde rwa Premier league kuma nota 38  yari bahejeje gutsindwa numurwi wa Liverpool.

Nubwo vyari bimezuko umurwi wa Arsenal ntiwashoboye kuva imbere y’umurwi Southampton niraburya bariko barakinira kukibuga cabo ca Saint Mary.

Uru rukino rwatanguye ubona ikipe ya Arsenal isanzwe inamenyerezwa na Arsenal Wenger ishaka guca muryahumwe umurwi wa Southampton kugira uyitanguze igitsindo ariko uwo murwi waje kubankira ahubwo ica ubatanguza igitsindo kumunota wa 19 w’igice cambere c’urukino bica binatuma igice cambere gireha Arsenal yamaze gutsindwa igitsindo kimwe.

Mugice ca kabiri c’urukino ,umurwi wa Arsenal washatse kuza wisubiyeko ariko bidatevye cane uwo murwi wa Southampton waciye wongera kubona igitsindo cabo ca kabiri kumunota wa 55 w’urukino ,Arsenal iba itanguye gucika intege ariko ukabona yizeyo kwihava yishura niraburya umwanya warukiri munini.

Abakinyi ba Southampton bishimira igitsindo bari bahejeje gutsinda

Abakinyi ba Southampton bishimira igitsindo bari bahejeje gutsinda

Naho Arsenal yashatse kwishura ,ntivyayikundiye ahubwo yabandanije ibona ibitangaza kuko kumunota wa 69 w’urukino umurwi wa Southampton waciye ushirayo igitsindo cabo ca 3 ivyo biba biciye inguvu n’indoto za Arsenal zo gutahukana intsinzi kuruwo musi.

Umumenyereza w'umurwi Arsenal yari yumiwe n'ibiriko birabashikira

Umumenyereza w’umurwi Arsenal yari yumiwe n’ibiriko birabashikira

Uyu murwi wa Southampton ntiwahereje ngaho kuko ,muminota yanyuma umukinyi wabo Long yaciye ashirayo igitsindo cagashinguracumu bica bituma umurwi wa Southampton utahukana intsinzi y’ibitsindo 4 kubusa bwa Arsenal.

Naho umurwi wa Arsenal watsinzwe ivyo bitsindo vyose ,washoboye kuguma mukibanza cayo ca kabiri n’amanota 36 munkino 18 umaze gukina ,mugihe mukibanza cambere haza Leicester n’amanota 38 .

Abakinyi ba Arsenal ntanumwe yatahukigwa n'ibiriko birabashikira

Abakinyi ba Arsenal ntanumwe yatahukigwa n’ibiriko birabashikira


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply