Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma y’igihe kinini badasohora indirimbo umurwi Peace and Love ugizwe n’abasore babiri babahinga cane mukuririmba bakoresheje  amajwi yabo bwite (Live Music)  basubiye gusohora indirimbo iriko irakundwa cane n’ingero zose haba imiyabaga canke abahumure.

Iyi ndirimbo ya Bosco Niganze batazira Bobo  hamwe na Vianney Nzigamasabo batazira Vichou Love bagize umurwi wa Peace and Love yasohotse kwizina rya” NDICUZA

Uru rurirombo rwaba basore babiri akaba arirwo rwambere basize ahabona inyuma yo kuva mu rwanda mukwezi kw’umunani aho bari bagiye kubera ibihe bibi uBurundi bwariko buracamwo.

Bosco Niganze batazira Bobo  hamwe na Vianney Nzigamasabo batazira Vichou Love bakaba bamenyesha abanwanyi babo ko vuba bagiye gusohora iyindi ndirimbo izoshimisha abakunzi babo yitwa  “Ntabundi buhinga”

Umviriza urwo ruririmbo rwabo ngaha hasi “Ndicuza”

Tubibutse ko aba basore babiri Niganze batazira Bobo  hamwe na Vianney Nzigamasabo batazira Vichou Love bo muri peace and Love basanzwe bakora Karaoke muri kamwe mubunwero bwo mugisagara ca Bujumbura ,ahasanzwe hitwa” i Muhira Bar”

 


Categories: Amakuru, Muhira, Umuziki

Leave a Reply