Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umurwi wabasirikare  FOREBU ubicishije kuri Lt Col Nshimirimana Edouard washikirije itanganzo:amajwi

Umurwi FOREBU (FORCES RÉPUBLICAINES DU BURUNDI) ubicishije kumusirikare wo kugwego gwo hejuru ,akongera akaba n’umugaba w’ingabo wuwo murwi bwana  Lt Col Nshimirimana Edouard  basohoye itangazo ,aho biyamiriza cane ibiriko birabera mu Burundi.

Tubibutse ko uyu sayomye iri tangazo yahora ari mu nzego nkuru z’igisirikare c’uBurundi ,ndetse bikaba vyaravuzwe ko yatorotse igisirikare mukwezi kw’icenda ,uyu musoda kandi akaba ari kurutonde rwabasirikare ubutegetsi bw’uBurundi buriko burahigisaha hasi no hejuru ,na cane cane kwari kurutonde rwasohowe n’ubutungane bw’uBurundi

Aba basirikare bahurikiye murugwo runani FORCES RÉPUBLICAINES DU BURUNDI beshi bikaba bivugwa ko bahungiye mubihugu bibanyi ndetse benshi bivugwa ko bahungiye mugihugu kibanyi c’uRwanda ,ndetse n’imitahe yo gufatwa ikaba yarungutswe mugihugu c’uRwanda.

Umviriza iryo tangazo ryuyu musirikare mukuru wo mu murwi FOREBU ngaha hejuru

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

One Response so far.

  1. . says:

    Imbwa ziragwira

Leave a Reply