Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugemangango Muhammad,umunyarwanda wo mwidini rya Islam ,yaketswe ugukorana n’abiyahuzi mugikorwa co kubafasha gushaka(recrutements)abanwanyi boja mu murwi wabihevyi wa Etat islamique yarasiwe ikigali mugihe yarashaka guca muryahumye inzego z’umutekano.

Mugemangango Muhammad yarashwe n’inzego zijejwe gukingira umutekano w’urwanda mugihe yariko agerageza kwiruka ngo ace muryahumye aba ba polisi bari bamufashe mu ntumbero yo kumukora amatohoza kucaha yagirizwa co guhimiririza insore nsore z’abanyarwanda bo mw’idini rya Islam kuja mu murwi w’abihevyi wa Etat islamique.

Amakuru ava ngaho nyene mu gihugu c’uRwanda amenyesha ko Mugemangango Muhammad yari umwe muba islam bari basanzwe basengera kurusengoro rwab’islam ruri mu gisagara ca Kigali mugice ca Kimironko.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Muhira

Leave a Reply