Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugisagara ca Bujumbura ibigwanisho bibandanya bikurwa mu banyagihugu mugihe ibindi bibandanya binyegurugwa uyo biba binyegeje canke bigafatwa n’igipolisi .

Amakuru ava mugipolisi c’uBurundi aremeza neza ko umwenegishugu w’igihugu c’uRwanda yafatiwe iBujumbura ahagana kuri saga Plage afise ibigwanisho vyinshi cane yaratwaye mumodoka ivuye mu  mugihugu c’uRwanda.

Nkuko tubikesha umuvugizi w’igipolisi bwana Pierre Nkurikiye ,yemeje neza ko umunyagishugu w’urwanda yafatanwe inkoho nyishi cane ahagana kuri  Saga plage  aho benshi bakunze kuja kuryoheregwa mumpera z’iyinga.

Ibi bwana Pierre Nkurikiye avugira igipolisi ,yongeye kubishimangira aho yacisha ubwo butumwa kurubuga rwiwe ngurukana bumenyi rwa Twitter aho yemeza ayo makuru

ib

Inyuma yifatwa ry’ibi birwanisho uwo yabifatanwe akaba yamenyekanye kw’izina rya Alain,ndetse akaba yarasanzwe ari umushoferi akomoka mugihugu c’uRwanda.FotorCreated

Aya makuru yibi birwanisho akaba kandi yemejwe n’inzu Saga Plage y’iBujumbura ariko bahakana ko ivyo birwanisho vyafatiwe munzu iwabo ahubwo ko vyafatiwe kuyindi nzu yegereye aho basanzwe bakorera.

saga


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply