Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umunyamabanga mukuru w’inama ijejwe umutekano kw’isi (ONU) bwana Ban ki moon ahejeje gushira itangazo kumugaragaro aho yashigikiye ingingo yafashwe  n’ububwe bwa Africa  yo kurungika abasirikare mvamakungu kugira baze  gucunga umutekano, hamwe nogukingira abanyagihugu  mu Burundi.

Muriryo tangazo ryasizwe ahabona kuruyu wa gatanu itariki imwe nzero 2016 ,umunyamabanga mukuru w’inama ijejwe umutekano kw’isi bwana Ban ki Moon yamenyesheje kwashigikiye ibiganiro biheruka gutangura kumpande zose kuwa 28 kigarama 2015 mugihugu ca Uganda .

Bwana Ban ki moon yanashimiye umukuru w’igihugu ca Uganda kubwitange yakoresheje kugira arabe ko amahoro n’umutekano vyosubira kugaruka mu Burundi ndetse aca anasaba abarongozi muvya politike bose muburundi ko bosubira mu Biganiro kugira batorere umuti ikibazo kiri mu Burundi.

Ban Ki Moon akaba yanashimiye cane umuryango w’ubumwe bw’ibihugu vya  Africa kukwitanga uriko urakoresha kugira urabe ko wofasha mukugarukana amahoro n’umutekano  mu Burundi ndetse anashigikira ingingo baheruka gufata yo gushaka kurungika abasirikare mpuzamakungu (MAPROBU)mu Burundi.

source:http://www.un.org/sg/statements/index.asp?nid=9364

Ban Ki Moon ,umunyamabanga mukuru wa ONU

Ban Ki Moon ,umunyamabanga mukuru wa ONU


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply