Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umunyagihugu wo kumutakura Yatewe agahinda nabantu bishwe bakaswe amazosi araturika ararira

Inyuma yaho hatorewe ibiziga bishika umunani kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 2 kigarama  mugisagara ca Bujumbura ,abanyagihugu bo muriyo micungarararo berekanya agashavu kenshi cane ndetse haza kubonekamwo numwenegihugu yababajwe cane n’ivyakozwe murico gice maze araturika ararira kubera agahinda kabagenziwe baba mugice kimwe yabona bishwe bunyamaswa.

Ibi bikaba vyabaye inyuma yaho hatorewe ibiziga bigera kumunani mugatondo ko kuwakabiri mugisagara ca Bujumbura ,aho bitatu murivyo vyatowe muri zone ya Mutakura ,ivyo biziga vyatowe muri zone mutakura ntivyari bimeze nkibindi kuko vyaboneka neza ko abo bagandaguwe bishwe babakase amazosi.

Ariko abanyagihugu bakaba baragerageje kumenya bamwe mubari bagandaguwe ,abo banyagihugu batumenyesheje ko babiri mubagandaguwe bava muri zone ya Kinama ,uwundi umwe yava muri zone ya Buterere ”

Abakoze iryo bara bakaba batigeze bamenyekana gushika ubu ariko mwijoro ryo kuwambere hakaba hari haraye humvikanye urusaku rwinshi rw’inkoho murivyo bice vya mutakura na kinama ndetse na Cibitoke.

Naho rero abanyagihugu bake batinya cane kwegera ivyo biziga kukubera ukuntu vyari vyishwe biteye ubwoba ,umwe mubavyegereye yishwe nagahinda ,anashikiriza namajambo yagahinda cane ,ivyamuviriyemwo gufatwa nikigumbagumba araturika ararira.

Umviriza uwo munyagihugu agahinda yatewe nivyo biziga gushika naho aturika akarira


Categories: Amakuru, Muhira

Leave a Reply