Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Riyad Mahrez asanzwe afise inkomoko muri Africa mugihugu ca Algeria akaba asanzwe akinira umurwi wo mucicaro cambere mu bwongereza Leicester yatowe nkumukinyi mwiza ,yitwaye neza mw’ihiganwa Premier League ryo mu bwongereza muruyu mwaka wa 2015-1016.

Ibi Riyad Mahrez yabishitseko inyuma yo gufasha cane umurwi wiwe wa Leicester kuguma mukibanza cambere mwihiganwa rya Premier League ndetse ubu akaba ariwo murwi unahabwa amahigwe menshi yo gutwara igikombe ca mubwongereza ca Premier League.

Riyad Mahrez yahawe agashimwe kumukinyi mwiza wa Premier League

Riyad Mahrez yahawe agashimwe kumukinyi mwiza wa Premier League

Riyad Mahrez akaba yariko aragwanira aka gashimwe na Vardy  basanzwe bakinana mu murwi umwe wa Leicester ariko Riyad Mahrez akaba ariwe yagatahukanye kuko benshi bemeza ko ari nawe asanzwe afise ubuhinga bwo kugumana umupira kukuguru kurusha mugenziwe Vardy.

Riyad Mahrez akaba atwaye aka gashimwe ageze kubitsindo 17 mu nkino 34 yashoboye gukina.

Riyad Mahrez nabagenziwe kwifoto bariko barishimira igitsindo

Riyad Mahrez nabagenziwe kwifoto bariko barishimira igitsindo

Tubibutse ko Dele Ali asanzwe akinira umugwi wa Tottenham yatowe nkumukinyi yitwaye neza cane akiri muto mw’ihiganwa Premier League.

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..

 


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply