Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

 

Umumenyereza wa Liverpool Brendan Rodgers  inyuma yo kwitwara nabi cane muri championa y’ubwongereza akanagirizwa yuko atagishoboye gushira kumurongo umurwi wa liverpool hamwe nabakinyi ,abajejwe umurwi wa liverpool hamwe nabasanzwe bafise umutahe muruwo murwi baraye bafahse ingingo yo  kumwegeza kure y’umurwi wa liverpool.

Inyuma yo guheza championa mumwaka uheze ahagaze nabi cane ,ubu hoho abajejwe uyu murwi wa liverpool ntibihanganiye Brendan Rodgers
Mugihe uyu mugabo Brendan Rodgers yahejeje championa y’umwaka uheze ahagaze nabi cane ,ndetse abajejwe uwo murwi bagashaka kumwirukana ariko bakamuha amahigwe yanyuma kugira barabe ko yokwikosora ,ubu hoho agashavu kabafashe inyuma yaho uwo mumenyereza bimutariye kuwamazi akananirwa gutsinda umurwi wa Everton nawo bivugwa ko ujegajega,ibi bikaba vyamuviriyemwo guca yirukanwa burundu asezera ikipe ya liverpool yaramze igihe kingana nimyaka igera kuri 3 amenyereza

Liverpool ntiratangaza umumenyereza mushasha azosubirira Brendan Rodgers
Nkuko bibandanya bivugwa ,uyu mugabo yakuwe kuntebe yo kumenyereza umurwi wa liverpool atawundi aragenwa canke ngo amenyekane kwagiye kumusubirira ,ariko amakuru abandanya acanacanako abandanya avuga yuko uyu mugabo ashobora gusubirigwa na ANCELOTTI yawahoze amenyereza umurwi wa Real Madrid ,nawe yirukanwe umwaka uheze ,kubera yamaze championa atagikombe yigeze aronka,izindi nkuru zibandanya zivuga yuko uwo mugabo Brendan Rodgers ashobora gusubirigwa n’umumenyereza asanzwe amenyereza KLOOPS asanzweamenyereza umurwi wa Dortmund wo mubudagi .


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply