Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umukuru w’igihugu ca Sénégal ,umushingantahe  Macky Sall niwe  biriko biranugwanigwako yoba  yagenwe mu mabanga mashashaya n’Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Africa ( UA )kugira asubirire umukuru w’igihugu ca Uganda Yoweri Kaguta Museveni mumabanga yo guhuza impande zibiri zitumvikana mu Burundi. 

Macky Sall, asanzwe arumwe mu bakuru bibihugu bafise ico basangiye na mugenziwe Pierre Nkurunziza kuko bose ibihugu vyabo bisanzwe bikoresha ururimi rw’ ‘igifaransa .

sall-macky

Macky Sall kw’ifoto

Gutorwa nk’umuhuza mukibazo c’uBurundi  ,nuko Macky Sall  asanzwe afatwa nk’umwe mu bakuru bibihugu ba Africa bakarorero aha cane cane abenshi bafatira kugikorwa aheruka gukora co gusaba inama nshinga mateka y’igihugu ciwe ko ikiringo c’umukuru w’igihugu cova kumyaka 7 kikaja kumyaka itanu gusa.

Tubibutse ko Macky Sall yagiye kubutegetsi mu mwaka wa 2012 mu kwezi kwa ndamukiza,ubu akazoba ari mu ntumwa zitanu zabakuru bibihugu zatowe n’ubumwe bwa Africa kuza gusaba Petero Nkurunziza kwemera kuja mu biganiro nabo batavuga rumwe nawe.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply