Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihe Reta y’Uburundi  yaheruka gushiraho umurwi wo   kwiga kwitegeko rishiraho umurwi udasanzwe kugira uhindure ibwirizwa shingiro  rya Repuburika y’Uburundi ,abatavuga rumwe na Reta y’uBurundi batanguye kwiyamiriza iyo ngingo ndetse bongera basaba ababishoboye kwamira hakiri kare amazi atararenga inkombe.

Uwaje ubwambere ni Muganga Yohani Minani , umukuru wa CNARED Giriteka(Le Conseil National pour le respect de l’Accord d’Arusha pour la Paix et la Réconciliation au Burundi et la Restauration d’un Etat de Droit.)  aho yiyamirije ico gikorwa Reta y’uBurundi  co gushaka guhindura ibwirizwa nshingiro ry’uBurundi ndetse aca agirako asaba abarundi bose na cane cane abasirikare hamwe naba polisi guhagurukira rimwe bakiyamiriza iyo ngingo mu maguru masha.

Muganga Yohani Minani ,umukuru w'urunani CNARED giriteka

Muganga Yohani Minani ,umukuru w’urunani CNARED giriteka

Mw’ijambo ,Yohani Minani yashikirije yasavye cane cane inzego z’igipolisi hamwe n’izigisirikare guhaguruka bakamera magabo bakarwanira ibwirizwa nshingiro ry’uBurundi ngo kuko ariryo ryatumye ibibanza barimwo uyumusi babijamwo.

Umviriza mu majwi muganga Yohani Minani nagho musi.

Fyonda ngaha ubandanye ukurikira amakuru yacu uciye kuri Facebook.


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Leave a Reply