Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Yohani Minani ,Umukuru w’urunani CNARED Giriteka (Le Conseil National pour le respect de l’Accord d’Arusha pour la Paix et la Réconciliation au Burundi et la Restauration d’un Etat de Droit.)yashikirije amajambo atangaje ku kibazo cerekeye umuhuza  mushasha w’abarundi  aheruka kugenwa.

Muganga Yohani Minani ,asanzwe aserukira uruanani CNARED Giriteka  ,yamenyesheje ko adashigikiye na gato igenwa rw’umushingamateka Edouard Nduwimana yatowe mu Ntara ya Kayanza ,kuba umuhuza w’abarundi kuko ,ngwasanzwe ari umukozi w’umukuru w’igihugu akongera akaba ari mubategetsi barangwa nakarenganyo kuva kera hamwe namanyanga atari make.

Yohani Minani yabandanije amenyesha ko ,Edouard Nduwima ari narumwe mubategetsi barangwa n’ibiturire ndetse anibutsa ko mugihe yatwara inama nshingamateka  mu mwaka wa( 2002 -2005) ko abanyagihugu bo mu ntara ya Kayanza  bamutakambiye bamusaba ko yomukura mumabanga yarafise ico gihe yo kuba icariho c’umucamanza mukuru kubera ibiturire vyamuranga .

Yohani Minani yabandanije amenyesha ko kuruhande rwa CNARED Giriteka , atanakimwe biziye kumuhuza mushasha w’abarundi kuko ataje gutunganiriza abarundi ahubwo aje gukora ivyo umugabwe wiwe wipfuza hamwe no gukorera uwamusizeho.

Umviriza Muganga Yohani Minani mu majwi ngaho musi

Fyonda ngaha ubandanye ukurikirana amakuru yacu kumwanya kuri Facebook


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply