Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Murukino rwariko rurahuza umurwi nserukira gihugu wa Bosnia hamwe n’umurwi nserukira gihugu w’ubugiriki (Grece),umukinyi Eden Dzeko asanzwe ari umusatirizi w’umurwi wa Bosnia akaba n’umukinyi wa As Roma yo  muri Italy yahawe ikarata itukura kubera kwambura impuzu mugenziwe bari murukino.

Ikarata itukura Eden Dzeko ,yayirose kumunota wa 78 w’urukino aho yambura mugenziwe ikabutura agasigara mu gahuzu ko musi gusa ,bica bituma ahabwa ikarata y’umuhondo igira kabiri ,ayi  ikaba ariyo yaciye ituma  aronka ikarata itukura.

Naho yaronkejwe iyo karata itukura ,urukino ruheze Eden Dzeko yabwiye abamenyesha makuru ko yarenganijwe n’umuhagarikizi w’urukino kuko ikosa yakoze ritari rikwiye ikarata itukura.

Eden Dzeko yakuye impuzu mugenziwe asigara yambaye agahuzu ko musi

Eden Dzeko yakuye impuzu mugenziwe asigara yambaye agahuzu ko musi

Uru rukino rero rukaba rwari murukino rwo kurwanira uburenganzira bwo kuja mu nkino zanyuma z’igikombe c’isi kizobera mu gihugu c’buRussia mu mwaka wa 2018 ndetse rukaba rwanaheze iyi mirwi yose inganya igitsindo kimwe kuru kimwe(Grece 1-Bosnia 1)

Fyonda ngaha ubandanye ukurikira amakuru yacu bitakugoye kuri Facebook

 

.


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply