Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Murugendo rw’imisi itatu umuhuza mu matati y’aBarundi amaze mu gisagara ca Bujumbura ,Benjamin William Mkapa yahoze ari umukuru w’igihugu ca Tanzania kuva mu mwaka wa 1995 gushika mu mwaka wa 2005,  yakuriye inkoni kugishitsi abasanzwe batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Pierre Nkurunzuza .

Mukiganiro yahaye abanditsi n’abamenyesha makuru kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 09 kigarama 2016, Benjamin William Mkapa yakuriye inkoni kugishitsi abasanzwe barwanya ubutegetsi bwa Pierre Nkurunziza aho yamenyesha ko ivy’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu ca Pierre Nkurunziza atari ikibazo na  gito kuko yatowe n’abanyagihugu izuba riva.

Benjamin William Mkapa yabandanije amenyesha ko ashigikiye ingingo ya Reta y’uBurundi yo kuticara hamwe mu biganiro n’abashatse gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 rusama 2015,ndetse anagirako asaba bimwe mu bihugu bibahaye ubuhungiro ko vyobatanga kuri Reta y’uBurundi bakajanwa imbere y’uButungane.

Abazwa ibijanye  nuko ,Pierre Nkurunziza atoba ari umukuru w’igihugu yemewe n’amategeko,bwana william Benjamin Mkapa yagite ati”Aboba baciyumvira uko ntaho bataniye nabasazi ”

Aya majambo rero yashikirijwe na william Benjamin Mkapa ntiyakiriwe neza na gato n’abasanzwe barwanya ubutegetsi bwa Pierre Nkurunziza kuko duhereye kurunani CNARED Giriteka rwaciye rutangaza rubicishije kurubuga rwabo ngurukana bumenyi rwa Twitter ko  kuva kw’igenekerezo ryi 09 kigarama 2016 william Benjamin Mkapa atakiri umuhuza yemewe ndetse baca bagirako basohora urwandiko rusaba  uyundi muhuza.

CNARED bagize ati”Reka dutange umuco :Turakuye ukwizera kwose kumuhuza william Benjamin Mkapa kandi ntituzigera twongera kwicarana nawe .Ntitukimuzi na gato nk’umuhuza mu biganiro bihuza abarundi”

Ubutumwa bwa CNARED giriteka yacishije kuri Twitter

Inyuma yuru rugendo rw’imisi itatu mu Burundi ,bwana william Benjamin Mkapa kaba yamenyesheje kwazoca abandaniriza urugendo rwiwe   mu gihugu c’uBubirigi kuvugana nabasanzwe batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Pierre Nkurunziza .

Fyonda ngaha ubandanye ukurikirana amakuru yacu kumwanya kuri Facebook


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Leave a Reply