Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kumyaka 32 yamavuko Kiera Johnson aba muri reta zunze ubumwe bwa Amerika ,yajanye ikirego muri sentare yi Los Angeles agiye kwitwarira umurwango w’umuhisi Macheal Jackson .

Keira Johnson ajana ikirego c’iwe muriyo sentare yagiye arega umuryango wa Mickael Jackson awagiriza ko umuzimu w’umuhisi Macheal Jackson wamuteye inda,munyuma akaza kuvyara umwana yemeza kwari uwa Mickael Jackson.

Keira Johnson asanzwe ari nyina w’abana babiri ,umwe w’umuhingu uwundi w’umukobwa ,aremeza neza ko umuzimu w’uwahoze ari icamamare m’umuziki kw’isi yose wamuteye Inda ,kandi yamaze kwibaruka umwana  yemeza kwari uwumuhisi Michael Jackson.

Keira Johnson abitangariza sentare yo ngaho Los Angels yagize ati:” ndi muhira jenyene kuko umugabo wanje  yari yagiye kukazi ka misi yose ,mafashe akanya nshira muri Television imwe muri DVD yerekana isabukuru rya Macheal Jackson igihe yakwiza imyaka yamavuko 30,haheze igihe kingana n’igice c’isaha niho nagera aho numva amaso yanje atanguye kuremeregwa ,kubona bitangura kwanka,kuva uwo mwanya  ibintu vyose kumubira wanje naciye numva bitanguye guhinduka.

Keira Johnson yabandanije avuga ati:Ubwo nyene muruwo mwanya nagiye kw’ikebuka nsanga ukuboko kuriko kurankuyakuya mw’isura gushika aho kunkuyakuya umubiri wose, kuva uwo mwanya ivyakurikiye sinasubiye kubimenya ahubwo naje gutora ubwenge haheze nki minota nka mirongo ibiri (20),ico n’ibuka n’ukuboko kw’uwo muntu kuko kwarirabura.”

Keira Johnson yagumye avuga ko bikiba yibaza kwarindoto zisanzwe ndetse ko yari yabifashe imikino kuko atiyumvira ko vyoshoboka kwakora imibonano mouza bitsina n’umuntu atabona.

Icaje gutangaza rero Keira Johnson nuko  kw’itariki 25 munyonyo 2015, Keira Johnson n’umugabo wiwe bibarutse umwana w’agatatu wabo  kandi uwo mwana akaba yavutse  ari umwirabure kandi mubisanzwe umugabo wiwe ari umuzungu na Keira Johnson ubwiwe ari umuzungu.

Ibi rero vyateye amakenga abantu benshi kuko ngumugabo wa Keira Johnson asanzwe yemeza neza ko umugore wiwe atomuca inyuma na rimwe kandi ko amwizeye ndetse ngwamufata nk’umwamikazi wiwe.

Iki kirego ca Keira Johnson cajanwe mubutungane bwa Los Angels ndetse anagenda aherekejwe n’umugabo w’iwe bagiye kw’itwarira umurwango wa Michael Jackson kugira ubahe amahera yo gutunga uwo mwana canke ngo bahitemwo gutunga umwana wabo.

Ubutungane bukaba atarubanza ruraca kuvyerekeye uwo mwana ndetse n’umurwngo wa Michael Jackson ukaba atakintu nakimwe uratangaza kkuvyerekeye uwo mwana bawagiriza.


Categories: Muhira

Leave a Reply