Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Ubicishije kumunyamabanga mukuru wayo bwana Francois Nyamoya ,umugabwe MSD wasohoye urwandiko rugizwe ahanini n’ingingo zitatu zotuma igihugu gisubira kuba mumahoro n’umutekano kuri bose.

Umugabwe MSD watangaje ko urajwe ishinga n’ingorane igihugu kirimwo na cane cane abanwanyi buwo mugabwe nyene babandanya kwicwa izuba riva abandi bakangazwa mugihe abandi bakubagugwa,arimuriyo ntumbero uwo mugabwe MSD wanyarutse kugira uvuge aho uhagaze.

Mugwandiko rwasizwe ahabona  kuruyu wa 22 kigarama 2015 n’uyu mugabwe wa MDS ,ibintu 3 n’ivyo uwo mugabwe ubona vyokorwa kugira amahoro n’umutekano bigaruke mu Burundi.

1:Nkurunziza  Petero asubize ubutegetsi yihaye kunguvu,yongere ashengezwe imbere y’ubutungane:

2:Haganigwe ingene hojaho inzego mfatakibanza ,zizoshikana abarundi kumatora meza kandi adakumira.

3:ico kiringo cimfata kibanza co fata umwanya muto cane.

Ibi bikaba vyashikirijwe inyuma yaho umukuru wuwo mugabwe bwana Alex Sinduhije afatiwe ibihano n’igihugu ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika yagirizwa kuba muri bamwe mubahungabanya umutekano mu Burundi.

>>> itangazo ry’umugabwe MSD hasi kw’ifoto

Urwandiko rw'umugabwe MSD

Urwandiko rw’umugabwe MSD

 

 

 

 


Categories: Muhira

Leave a Reply