Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

 

Dr. Opeyemi Enoch w’imyaka 54 yamavuko  yakoze igiharuro cari kimaze imyaka irenga 150 caraburiwe inyishu kw’isi yose , nabahinga muvyerekeye ibiharuro.

Dr. Opeyemi Enoch asanzwe aba mugisagara ca EKITI imwe muntara yo muri Nigeria  ,niwe yabaye incabwenge yashoboye gushika kunyishu yanyuma kandi yukuri  y’igiharuro cari kimaze imyaka n’imyaka caraburiwe inyishu n’abahinga  muvyerekeye ibiharuro.

Uyu mugabo yasize ahabona inyishu yiki giharuro ,mu nama yahuje abahinga muvyerekeye ibiharuro hamwe na science (International Conference on Mathematics and Science ) yariko irabera muri Vienna muri kimwe mubisagara vya Australia.

Iki giharuro kikaba cari kimwe mubiharuro birenga ibihumbi n’ibihumbi biri kw’isi bisanzwe bitaratoregwa inyishu ,ibi biharuro bisanzwe bishirwaho nabahinga bakaruhariwe muvyerekeye ibiharuro hama uwushoboye kugikora agatanga inyishu  aca ahabwa agahembo kamafaranga menshi cane.

Iki giharuro Dr. Opeyemi Enoch yakoze cari kimwe muvyasizweho n’umuhinga muvyibiharuro yitwa Riemann Zeta w’umudagi , kizwa kwemezwa na Clay  Mathematics Institute mumwaka wa 1859 ko kigiye mubiharuro bidafise inyishu kw’isi .

Dr. Opeyemi Enoch akimara kwerekana inyishu yiki giharuro  ikemezwa n’abahinga bari bakoraniye ngaho kwariyo ,bwana Dr. Opeyemi Enoch yaciye aronswa amahera yamanyamerika angana na $1000.000,aya akaba yababa hafi ama milliard 2 mumahera  yamarundi.

Aha twobibutsa ko hasanzwe hari ibiharuro vyishi cane biba bisanzwe vyaratanzwe nabahinga muvyerekeye ibiharuro ,mugihe ushoboye gutora inyishu yaco ikemerwa nabo bahinga uca uroswa amahera menshi cane nkagashirmwe kuko uba ukoze icananiye abantu benshi cane kw’isi.

                                Bimwe mubiharuro gushika nuyu musi bitararonkerwa inyishu

na1

 


One Response so far.

  1. murakoze cane kuduha izo nkuru.p6

Leave a Reply