Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Haraheze imisi umukuru (President) w’umurwi wa Overdo Team umwe mu mirwi isanzwe ikundwa cane mu gisagara ca Bujumbura kubera ubuhinga hamwe n’ingabirano bafise mu mukirimba indirimbo z’umudiho wa Hip Hop, yerekanye ishavu ridanzwe ,binatako arakerekana abicishije kungurukana bumenyi ziwe nka zose haba kuri Facebook ,,instagram,Twitter na Wechat…

Inyuma yivyo vyose twihuse kubaza uwo muririmvyi icoba muvyukuri camutumye agira iryo shavu ryose .

Snowcay atwishura yatumenyesheje ko iryo shavu atahandi ryavuye ahubwo ko  ryavuye kukuntu aba producers bamwe bamwe nka “KOLLY” bashaka kunyegeza ibikorwa vy’abaririmvyi ba ntaho nikora,ugasanga akoze indirimbo igumyeyo,agize Imana akayumva,akazoyumva haheze umwaka canke urenga.

Snowcay akaba yabandanije amenyesha ko ivyo umuhinyanyuzi Kolly akora binigira mu menshi abaririmvyi benshi na cane cane abaririmvyi bato bato kubera naho aba afise ingabire ishobora guca inigigwa mu menshi.

Snowcay yongeye kugaruka kucatumye muvyukuri yitwa umuhinyanyuzi Kolly imbwa kuko iryo jambo ritabonwe kumwe n’abakunzi bumuziki bu Burundi.

Snowcay yagize ati:Kolly Naramwandikiye incuro nyinshi aranka kunsubiza nca ndabibonamwo akagaye, nagasuzuguro katagira uko kangana .

Ah4B7rWXNJR2EL6kxPlMcCCuSc7pLNptp3R65pqpg_9B

Snow cay akaba yaciye yerekana ubutumwa bugufi yagiye arandikira umuhinyanyuzi Kozzi butandukanye hamwe no mu mezi atandukanye akanka kumwishura

Ibi vyababaje Snowcay cane kuko yarasanzwe afise imigambi yo gusohora urukurikirane rwiwe rwa mbere ariko bikaba bitaje gukunda kubera zimwe mu ndirimbo ziwe zari zivundiye muri Studio kwa Kolly kandi yaramaze no kumuha amahera yazo.

Ibi vyatumye Snowcay afatwa nk’umubeshi n’abakunzi bumuziki wiwe kuko yabandanya yegeza inyuma ugusohoka kw’urukurikirane rwiwe .

Ibi rero vyateye ishavu ryishi cane Snowcay bituma aja kuri Facabook yandika amajambo asa nayatanejereje Kolly ndetse n’umugenzi wiwe mpfa mpfe  ariwe Pim.

Amajambo yanditswe na Snowcay kuri Facebook

Amajambo yanditswe na Snowcay kuri Facebook

 

Bimaze kugenduko bikagera ngaho ,urwanko rwaciye ruvyuka mubahora arabagenzi bahora basangira vyose ndetse bakanakorana n’indirimbo.

Pim ,nawe asanzwe akora umwuga w’ukuririmba ntiyatevye kwishura Snowcay aho yaciye aja kurubuga rwiwe rwa Facebook yishurira mugenziwe Kolly ,ndetse nawe aca ashikiriza amajambo atanezereye abasanzwe bari mu murwi wa Overdo .

Pim yihuse kwishura Snowcay muraya majambo

Pim yihuse kwishura Snowcay muraya majambo

Aya majambo ya Pim yanditse kuri Facebook,yatumye umwe mubaririmvyi bari mu murwi wa Overdo asanzwe azwi nka N-T Kadhaffi amwishura akoresheje indirimbo ,aho yaciye anyarukira kumuhinyanyuzi Masterland akorerayo indirimbo yo kwishura Pim ,aho yise iyo ndirimbo Hushura imbwa.

Iyi ngwano yaba basore ikaba ikibandanya ariko ikaba atabonwa kumwe n’abakunzi bumuziki w’uBurundi na cane cane abasanzwe bakunda umuziki w’umudiho wa Hip Hop kuko abakunzi buyu murwi wa Overdo bari benshi basanzwe ari n’abakunzi ba Pim ndetse na Kolly.

Naho rero aba baririmvyi bariko baraterana amajambo ,mubisanzwe bari basanzwe ari abagenzi ndetse bakaba bakunda kugenderanira mugihe umuririmvyi Snowcay aje muburuhuko aba bose yaba Kolly hamwe na Pim bakaba bahora baja kwakira uyu musore nkincuti ya hafi.

Aha kw'ifoto n'imuhira kwaba Snowcay ,Aho Kolly na Pim bari baje kumuraba mugihe yaraje mu Buruhuko avuye kw'ishure

Aha kw’ifoto n’imuhira kwaba Snowcay ,Aho Kolly na Pim bari baje kumuraba mugihe yaraje mu Buruhuko avuye kw’ishure

Snowcay na Kolly bakaba bari basanzwe ari incuti zidasanzwe

Snowcay na Pim kw’ifoto.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..

 


Categories: Muhira

Leave a Reply